Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 7:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Amaboko yabo yamogoreye gukora ibibi; umuganwa ari n’ivyo yāka, umucamanza aca ingurire, ūhambaye yenyaguza ivyifuzo bibi vyo mu mutima wiwe: uko ni ko babijishira hamwe.

Gade chapit la Kopi




Mika 7:3
26 Referans Kwoze  

Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Kuko nzi ibicumuro vyanyu ingen’ ari vyinshi, n’ivyaha vyanyu ingen’ ar’ ibikomeye, yemwe abahahaza umugororotsi, mukarya ingurire, mukazibiranya abakene mu manza muri mw ishikiro ry’igisagara.


Ni co gitumye abagore babo nzobaha abandi, n’amatongo yabo nkazoyaha abandi bakayegukira: kuk’ umuntu wese, uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye wo muri bo, yifuza inyungu mbi: kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


arababaza, ati Mwompēra iki, nkazomubaronkera? Bamugerera intete z’ifeza mirongwitatu.


Ibinyobga vyabo vyacitse umururazi: basambana ubudahumeka; abatware babo bakunda ibiteye isoni birenze urugero.


Abaganwa baho bameze nk’amabingira atabagura ico ahīze; bavisha amaraso, bagahonnya abantu, ngo bironkere inyungu.


Rāba abaganwa b’Abisirayeli baba muri wewe uko bangana bakoresha ububasha bgabo kuvisha amaraso.


uti Mbeg’ uzohorana uburake imisi yose? Uzobgamana gushitsa kw iherezo? Mbega si wewe wavuze ibintu bibi, ugatak’ ukabikora, ukīgira uk’ ugomba?


Kuk’ Uhoraho arikw arava i we azanywe no guhanira ababa mw isi ukugabitanya kwabo; ivu rizogaragaza ibitenga vy’amaraso yaviriye kuri ryo, kandi ntirizoba rigitwikiriye abishwe bo muri ryo.


Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari.


Umuntu w’umunyakibi agoborora ingurire mu kwaha Kugira ngw agoreke inzira z’ imanza.


Abantu bazohahazanya, umuntu wese azohahazwa na mugenzi we, umuntu wese ahahazwe n’umubanyi wiwe: umusore azoshinyaguriza umutāma, n’inkēngērwa izoshinyaguriza umunyacubahiro.


bagatsindanishiriza abanyakibi kubg’ ingurire, ariko bagakūra urubanza ku bagororotsi!


Kand’ ibikoreshwa vy’uwigungirako ni bibi: agira akazikira k’ikibi ko kuzikiriza abagorwa n’amagambo y’ibinyoma, naho hoba umukene afise urubanza.


Maz’ arambarira, at’ Ibigabitanyo vy’inzu ya Isirayeli n’iya Yuda birarengeranye rwose, kand’ igihugu cuzuye ibitenga vy’amaraso, n’igisagara cuzuye kugoreka imanza: kuko bavuga, bat’ Uhoraho yāhevye igihugu, bati Kand’ Uhoraho nta co abona.


Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.


Umwami bamuteresha umunezero ivyaha vyabo, n’abaganwa bawubateresha ubuhemu bgabo.


Ariko mur’ ibi bihe abantu banje mumpagurukiye nk’abansi: abagenda ata co bīnona, batagomba intambara, mubakiza imitamana basēsa hejuru y’izindi.


Yemwe abanka ivyiza mugakunda ibibi; abantu banje mukaborosorako urukoba rwabo, mugaharura inyama ku magufa yabo;


Ūteranya amaso ngo yigerere ibigoramye, Agafumbanya iminwa, ni we ashitsa ibibi.


Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.


Ko muzisitisha imbavu n’ibitugu, izirwaye zose mukazisunikisha amahembe yanyu, gushitsa muzisanzarije kure;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite