Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 7:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Abubaha Imana baraherengeteye mw isi, kandi mu bantu nta n’umwe atunganye: bose babundira kuvisha amaraso, umuntu wese ahīga mugenzi we ngw amute mu ruriba.

Gade chapit la Kopi




Mika 7:2
29 Referans Kwoze  

Uhoraho we, tabara: kukw abakwubaha baheze, Abo kwizigirwa bakennye mu bana b’abantu.


Umugororotsi arikw araherengetera, kandi nta wubishirak’ umutima; abubaha Imana bariko barakūrwaho, kandi nta wubibabaye. Umugororotsi akūwe mu vyago,


Muti Kuko mu bantu biwe habonekamw’ abantu b’abanyakibi: baratega nk’ukw abatezi b’inyoni batega; batega umutego, bagafata abantu.


Ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, kandi bihutira kuvisha amaraso y’abatācumuye; ivyiyumviro vyabo n’ivyiyumviro vy’ubugāba; kugeseza no guhonnya biri mu nzira zabo.


Ni bakubgira, bati Ngwino ujane natwe, Turyamire kwica, Dutegere mu mpisho ūtagira igicumuro, ata nyanduruko;


Ehe nzotuma ku barovyi benshi, ni jewe Uhoraho mbivuze, bazobaroba; hanyuma nzotuma ku bahīgi benshi, na bo bazobahiga ku gisozi cose no ku karambi kose no mu vyobo vyo mu bitandara.


Kandi ga muvyeyi, ehe rāba nguyu umutwe w’impuzu yawe mu ntoke zanje! Ko nacacuye umutwe w’impuzu yawe sinkwice, none rero n’umenye kand’ ushirwe kw ata kibi cank’ ubugarariji ngufiseko; kandi sinagucumuyeko, nah’ umpīga ng’ unyice.


abubakisha Siyoni amaraso muvishije, n’i Yerusalemu mukahubakisha ibigabitanyo!


Baraturyamiye, bituma tudashobora guca mu nzira zacu: Iherezo ryacu riri hafi, imisi yacu irashize; ni koko iherezo ryacu rirashitse.


Umutana wabo ni nk’imva irangaye, bose n’abantu b’abahizi.


Amagambo y’abanyakibi abundira kuvisha amaraso, Arikw akanwa k’abagororotsi bo kazobakiza.


Bateze ibirenge vyanje umutego; Umutima wanje uricurikiriye. Bimvye icobo imbere yanje: Baba ari bo bakirokeramwo. Sela.


None rero ntiwemere kw amaraso yanje azosēswa kure y’ah’ Uhoraho aba; erega mwami w’ Abisirayeli, wazanywe no guhīga imbaragasa, nk’ūhīga inkware mu misozi.


Abunda mu kiryamo nk’ukw intambge ibunda mw isenga ryayo, Abundira gucakira umworo: Acakira umworo, akamukwegesha umugozi yamuteze.


Uburake bg’Uhoraho Nyen’ ingabo ni bgo butumye igihugu gitongoka: abantu na bo bakamera nk’inkwi z’umuriro; nta wugirira akagongwe mugenzi we.


Narateze ugutwi ndumviriza, ariko nta ho bavuga ukuri: nta muntu yihannye ibibi vyiwe, ngo yibaze, ati Mbeg’ ico nakoze n’igiki? Umuntu wese apfa guhuruduka, akajana inzira yiwe, ameze nk’ifarasi igenda akabushungwe yirukira mu ntambara.


Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.


Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Kizobona ibara, ca gisagara kivisha amaraso, ni co ya nkono irimw’ ingese, ingese zayo zanse kuyivamwo! Zose uzārure imwe‐imwe, utarinze kurobanura.


Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.


Ariko mur’ ibi bihe abantu banje mumpagurukiye nk’abansi: abagenda ata co bīnona, batagomba intambara, mubakiza imitamana basēsa hejuru y’izindi.


Yemwe abanka ivyiza mugakunda ibibi; abantu banje mukaborosorako urukoba rwabo, mugaharura inyama ku magufa yabo;


Kuko ntazosubira guterwa akagongwe n’ababa mur’ iki gihugu, ni k’Uhoraho agize; ariko nzobagabura, umuntu wese ndamute mu kuboko kw’uwamuragira, no mu kuboko kw’umwami wiwe; abo bazorya igihugu, kandi sinzobarokora ngo mbakūre mu maboko yabo.


Bose barabeshana, umuntu wese na mugenzi we: Bavugisha iminwa ihemana n’imitima ibiri.


Abantu bazohahazanya, umuntu wese azohahazwa na mugenzi we, umuntu wese ahahazwe n’umubanyi wiwe: umusore azoshinyaguriza umutāma, n’inkēngērwa izoshinyaguriza umunyacubahiro.


Nk’ukw ibitero vy’abambuzi biryamira umuntu, ni k’umurongo w’abaherezi wicira abantu mu nzira ija i Shekemu: bakora ivy’ ubugesera.


Abayuda na bo bafatanya na we mur’ ico kirego, bavuga kw ivyo ari ko biri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite