1 Enda ni mwumve ico Uhoraho avuga, ati Va hasi, ubūranire imbere y’imisozi, uturambi ni twumve ijwi ryawe.
Ewe wa gihugu we, wa gihugu we, wa gihugu we, ni wumve ijambo ry’Uhoraho!
Tega ugutwi, wa juru we, nanje mvuge; Isi na yo ni yumve amajambo ava mu kanwa kanje.
Ni mwumve, mwa moko yose mwe; tega amatwi nawe wa si, n’ibiri muri wewe vyose! Umwami Uhoraho n’abe icagiriza canyu, Umwami ari mu rusengero rwiwe rwera.
Nuko mwana w’umuntu, menyesha imisozi y’i Bgisirayeli ibizoba, uti Yemwe mwa misozi y’i Bgisirayeli, ni mwumve ijambo ry’Uhoraho.
Izohamagara ijuru ryo hejuru N’isi na yo; kugira ngw icire abantu bayo urubanza,
uyu musi ntanze ijuru n’isi kw ivyabona yuko mutazobura guhona bidatevye, mugaherengetera mu gihugu mujabuka Yorodani muja kwinjira; ntimuzokirambiramwo, ariko muzorandurwa rwose.
Ariko mweho, yemwe misozi y’i Bgisirayeli, muzohūrika amashami yanyu, mutengengere ivyo gutunga abantu banje b’Abisirayeli; kuko bagira baze.
Ni mwumve, mwa majuru, tega amatwi, wa si we, kuk’ Uhoraho abivuze: ati Narakujije abana, ndabarera, maze barampinduka.
Arabishura, ati Ndababgire, Aba ni bahora, amabuye arasemerera.
Inyabushobozi, Imana Rurema, Uhoraho aravuze; Ahamagaye isi, uhereye i burasirazuba, ugashitsa aho rirengera.
Imisozi izoshongera musi yiwe, n’imyonga isaduke, bibe nk’ishashara ir’ imbere y’umuriro, canke nk’amazi arindimuka ku gatembge.
Arongera arambarira, ati Vugira kur’ aya magufa, uyabarire, uti Yemwe mwa magufa yumye, ni mwumve ijambo ry’Uhoraho.
Ni mwumve, mutege amatwi: nta co mugira ubgibone; kuk’ Uhoraho ari we avuze.
Ni mwumve iri jambo Uhoraho abavuzeko, yemwe Bisirayeli, arivuze ku muryango wose yadūganye, awukūye mu gihugu ca Egiputa,
Maze Samweli yishura Sauli, ati Hagarara! Hinge nkubarire nanje ivyo Uhoraho yarāye ambariye iri joro. Aramwishura, at’ Ego, vuga.
Nuko none ni muhagarare, mbāgiririze imbere y’ Uhoraho, mbereke n’ivyo yabagiriye vyose mu bugororotsi, mwe na ba sogokuruza.
Kandi nzokwīhōra amahanga atumvira, nsuguriwe, ndatse.
Yemwe misozi, namwe matanguriro y’isi yahamye, ni mwumve ukubūrana kw’Uhoraho; kuk’ Uhoraho afitaniye imibūrano n’abantu biwe, kand’ agira abūrane n’Abisirayeli.
Uhoraho ahagurukijwe no kubūrana, kand’ ahagurukijwe no gucira amahanga imanza.
uti Yemwe misozi y’i Bgisirayeli, ni mwumve ijambo ry’Umwami Uhoraho: Uku ni k’Umwami Uhoraho abgira imisozi n’uturambi, imigezi n’ imyonga, at’ Ehe jewe ubganje nyene nzobatērēra inkota, nkomvomvore ibitabo vyanyu vyo ku mpinga z’imisozi.