Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Azohagarara, aragire umukuku wiwe mu nkomezi z’Uhoraho, no mu cubahiro c’ izina ry’Uhoraho Imana yiwe: kandi bazokwībērah’ umugaramango; kukw ico gihe ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi.

Gade chapit la Kopi




Mika 5:4
37 Referans Kwoze  

Ragiza abantu bawe inyobozo yawe, ari bo mukuku wawe wīzīziye, bībēra ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli: barishe i Bashani n’i Gileyadi, nko mu gihe ca kera.


Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Īsumba vyose, kand’ Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi,


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


mwebge abazigamwa n’ubushobozi bg’Imana kubg’ ukwizera, muzigamirwa agakiza kāteguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


Yuda, umugurano wa Yesu Kristo, kandi mwene nyina wa Yakobo, ndabandikiye abahamagawe, bakundwa kuko muri mu Mana Data wa twese, mukazigamirwa Yesu Kristo.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw ijuru muri Kristo:


Yesu aramubgira, ati Ntunkoreko, kuko ntaradūga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabarire, ut’ Agira adūge kwa Se ari we So, uti Ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.


ariko ni nabikora, naho jewe mutanyemera, mupfe kwemera ibikorwa, kugira ngo mumenye, mutahure, yuko Data ari muri jewe, nanje nkaba muri Data.


Arik’ Umwana w’umuntu ah’ azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza:


Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.


ngo Kandi wewe, Betelehemu mu ntāra ya Yuda, Nturi mutoya mu baganwa ba Yuda, Kuko kuri wewe hazova ūganza, Ni we azoragira abantu banje b’Abisirayeli.


Muri Efurayimu nzohaca imikogote, n’i Yerusalemu nzohaca amafarasi, kand’ imiheto y’intambara izocibga. Uyo azobgira amahanga ivy’ amahoro, kand’ ubgami bgiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre no kuri rwa Ruzi bushike ku mpera y’isi.


Rāba, umushumba wanje azoja imbere, azokuzwa ashirwe hejuru, asumbe abandi.


None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we yambumvye nkiri mu nda ngo mbe umusavyi wiwe, ngo ndamugarukanire Yakobo, Abisirayeli bakoranirizwe kuri we; kuko nd’ umwubahwa mu nyonga z’Uhoraho, kand’ Imana yanje yambereye inkomezi;


Kugira ngo bamenyeshe abana b’abantu ivy’ inkomezi wakoze, N’ubgiza bg’igitinyiro c’ ubgami bgawe.


Yibutse imbabazi ziwe n’ukugororoka kwiwe, ngw abigirire inzu ya Isirayeli: Abo ku mpera z’isi zose babonye agakiza k’Imana yacu.


Uhoraho arahangamye, avogereye mu cubahiro; Uhoraho aravogereye, akenyeje inkomezi. Noneh’ isi na yo irashimangiye, ntinyiganyizwa.


Izina ryayo ry’icubahiro rihimbazwe ibihe bidashira; Kand’ isi yose yuzure icubahiro cayo; Amen, kandi Amen.


Azoganza uhereye ku kiyaga ugashitsa ku kiyaga kindi, Kand’ uhereye kuri rwa Ruzi, ugashitsa ku mpera y’isi.


Abo ku mpera zose z’isi bazokwibuka bahindukirire Uhoraho, Amoko yose yo mu mahanga azosengera imbere yawe.


Muze mumwubahe, mumwumvire, ntimuze mumugararize, kukw atazobaharira ibicumuro vyanyu, kukw izina ryanje riri muri we.


Uhoraho akumye impuzu ku kuboko kwiwe kwera mu maso y’amahanga yose, kand’ impera z’isi zose zizobona agakiza k’Imana yacu.


Ni muntumbere mukizwe, mwa mpera zose z’isi: kukw ari jewe Mana, ata yindi.


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


Kand’ amaso yanyu azovyibonera, namwe muvuge, mut’ Uhoraho arahambaye no hirya y’urugabano rw’i Bgisirayeli.


nuko rero jewe Umwami Imana ngira mbatēze amazi ya rwa ruzi rundi, amazi menshi y’inkomezi, ni yo mwami w’i Ashuri n’icubahiro ciwe cose: azosēsa ku nkombe ziwe zose, adēngēre amasēsero yiwe yose;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite