Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, nzokoraniriza hamwe abacumbagira, nkumakume abasanzaye, n’abo nababaje;

Gade chapit la Kopi




Mika 4:6
16 Referans Kwoze  

Ehe rāba, ico gihe abāguhahaza bose nzobibabaza; kandi nzokiza abacumbagira, n’abirukanywe ndabakoranirize hamwe; kand’ abāri n’ibitētērwa kw isi yose nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa.


Kandi mfise n’izindi ntama zitar’ izo mur’ uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n’umwungere umwe.


Umwami Imana, umwe akoraniriza hamwe abāri birukanywe bo mu Bisirayeli, aravuze, ati Nzokwongera kumukoraniriza abandi, ukūye abiwe bāri bamaze gukoranywa.


Uhoraho ni we yubaka Yerusalemu; Akoraniriza hamwe abāri bārasābagijwe bo mu Bisirayeli.


Kand’ Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.


Ewe Yakobo! Sinzobura gukoraniriza abawe bose hamwe, kandi sinzobura kwegeranya amasigarira y’Abisirayeli; nzobakumakumira hamwe nk’intama z’i Bosira; bazohūrīra nk’umukuku uri mwinshi mu canya cawo.


Kuko nzobakūra mu mahanga, mbakoranirize hamwe mbakūye mu bihugu vyose, mbajane mu gihugu canyu bgite.


Ehe nzobazana mbakūye mu gihugu c’i burārūko, mbakoranirize hamwe mbakūye ku mpera z’ isi; kandi bazozanana n’impumyi n’ūcumbagira, n’umugore akuriwe hamwe n’ūramutswe: bazogaruka ino ar’ ishengero rinini.


Mur’ iyo misi ab’ inzu ya Yuda bazogendana n’ab’ inzu ya Isirayeli, bazanane bava mu gihugu c’i burārūko, baza mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu k’umwandu.


Kuko ngira ngo ntembe, Kand’ umubabaro wanje ur’ imbere yanje na ntaryo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite