Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 4:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kukw ayandi mahanga yose azogenda, ihanga ryose rigendere mw izina ry’imana yaryo, ariko tweho tuzogendera mw izina ry’Uhoraho Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira.

Gade chapit la Kopi




Mika 4:5
19 Referans Kwoze  

Nzobaha gukomezwa nanje Uhoraho, na bo bazogendagendera mw izina ryanje, ni k’Uhoraho agize.


Kand’ ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw izina ry’Umwami Yesu, mushima Imana Data wa twese kubg’ uwo.


Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.


Yemwe ab’ inzu ya Yakobo, ni muze tugendere mu muco w’Uhoraho.


Kukw iyi Mana ar’ Imana yacu ibihe bitazoshira, Ni yo izoturōngōra gushitsa ku rupfu.


Nuko nk’uko mwākiriye Kristo Yesu Umwami wacu, abe ari ko mugendera muri we,


Mbere mu nzira y’imanza zawe ziroranye, Uhoraho, ni ho twamye tukwitegeye; izina ryawe n’ukuba rurangiranwa kwawe ni vyo imitima yacu ihahamiye.


No gushitsa uyu musi wa none baracagenza nk’uko bamye bagenza kera; ntibatinya Uhoraho, ntibitondera amateka cank’ imigenzo cank’ ivyagezwe cank’ amabgirizwa, ivyo Uhoraho yahaye bene Yakobo, uwo yise Isirayeli,


Yamar’ abo mur’ ayo mahanga yose bakomeza kwironderera izabo mana, bazishira mu tunyabugoro two mu bitabo Abasamariya bāri bārubatse, abo mw ihanga ryose uko bāba mu bisagara vyabo ni ko bāgenza.


Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n’icenda, Uhoraho aramubonekera, aramubarira, ati Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand’ utungane rwose.


Nzoza mvuga ibikorwa bihambaye vy’Umwami Uhoraho, Nzovuga ukugororoka kwawe, mber’ ukwawe kwonyene.


ni yo yaretse amahanga yose mu bihe vyahise ngo bagendere mu nzira zabo.


Ewe Uhoraho Mana yacu, abandi bami batari wewe bamye batuganza; arikw izina ryawe ryonyene ni ryo twatura.


Ni co gituma mukwiye kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mukitondera ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe, ivyo mbagera uyu musi.


None mmenye yuk’ Uhoraho akiza uwo yarobanuje amavuta, Azomwishura, ari mw ijuru ryiwe ryera, Azomwishurisha ubushobozi bukiza bg’ukuboko kwiwe kw’i buryo.


Kandi nzosezerana na bo isezerano ritazoshira, yuko ntazorora irya ngo mbahebe, ndeke kubagirira neza; kandi mu mitima yabo nzohashira kunyubaha, na bo boye kumvako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite