Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Arik’ umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga: kukw akanwa k’Uhoraho Nyen’ ingabo ari ko kabivuze.

Gade chapit la Kopi




Mika 4:4
25 Referans Kwoze  

Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, muzotumiranira, musi y’umuzabibu no musi y’umusukoni, umuntu wese na mugenzi we.


nukw Abayuda n’Abisirayeli bībēra amahoro, umuntu wese mu mizabibu yiwe no mu misukoni yiwe, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, igihe cose Salomo yari ku ngoma.


Bazokwibagira ibitētērwa vyabo, n’ ubuhemu bgabo bgose bāmpemukiye, ni bamara kwibera mu gihugu cabo, ata co binona, ata kibateye ubgoba,


Na ho ni mwanka mukagarariza, inkota izobarya: kukw akanwa kanje Uhoraho ari ko kabivuze.


Uzoshikamishwa n’ukugororoka; uguhahazwa kuzokuba kure, nta co uzotinya; bo n’ibitera ubgoba, kuko bitazokwēgēra.


Ntizizokwongera kuba inyagano z’abanyamahanga ukundi, cank’ ibikōko vyo kw isi ngo bizirotse; ariko zizokwibera amahoro, ata kiziteye ubgoba.


nuk’ uzonnezererwa jewe Uhoraho; nanje nzoguha kugenda ujandagira ku mpinga z’ imisozi yo mu gihugu; kandi nzogutungisha ishamvu ya sogokuruza Yakobo: kukw akanwa kanje, jewe Uhoraho, ari ko kabivuze.


Maz’ ubgiza bg’Uhoraho buzohishurwa, kand’ abafise umubiri bose bazobubonera rimwe, kukw akanwa k’Uhoraho ari ko kabivuze.


maz’ uzovuga, uti Hinge ndūge ntere igihugu c’imihana itubakiwe inzitiro z’amabuye, ngīre abibereye impore ata co binona, bose uko bangana baba ahatubakiwe inzitiro, ata n’imyugariro cank’ amarembo bagira;


Kandi nzosezerana na zo isezerano ry’amahoro, kandi nzoherengeteza ibikōko vy’inkazi mu gihugu: maze zizokwibera amahoro mu gahinga, zīryamire mu mashamba.


Uhoraho, aho baboneye amagorwa ni ho bagushengereye; iy’ uguhana kwawe kubashikiriye basuka amajojwa.


Kandi nzoha ico gihugu kugira impore, muzokwiryamira ata kibateye akōba: kandi nzohaherengeteza ibikōko vy’inkazi, kandi nta nkota izogera mu gihugu canyu.


Kand’ uzokwiryamira, ntihagire ūgutera ubgoba; Mbere benshi bazogusaba ng’ ubatonere.


Kuroranya imanza kuzotuma imisozi miremire N’uturambi bizanira abantu amahoro.


Ibisagara vyo muri Aroweri bicitse imisaka; hazoba ah’ imikuku, ni yo izohagandagaza, nta kizoyikanga.


Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, uwo musumari washimangiwe ahantu hagumye uzoshingūka; kand’ uzogazagurwa ukoroke, n’ibiremereye vyari kuri wo bizomenagurika; kuk’ Uhoraho abivuze.


Ntimwumvire Hezekiya: kuk’ ukw ari k’umwami w’i Ashuri agize, ngo Kunda mwuzure na we, musokoroke muje iy’ ari, umuntu wese ngw abone kurya ku muzabibu wiwe no ku musukoni wiwe, no kunywa ku mazi yo mw ivomo ryiwe,


None rero ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni k’Uhoraho agize; nturanduke umutima, ewe Isirayeli: kuko rāba nzogukiza ngukūre kure, uruvyaro rwawe ndarukūre mu gihugu rwajanywemwo ar’ inyagano; Yakobo azogaruka, kand’ azoba amahoro ata nkomanzi, kandi nta wuzomutera ubgoba.


Uti Non’ afise imigabo yo kwubaka ingoro y’izina ry’Uhoraho Imana yiwe, uti Nk’uk’ Uhoraho yabariye se wiwe Dawidi, at’ Umwana wawe nzosubiza ku ngoma yawe ni we azonyubakira ingoro y’izina ryanje.


Ntuzotinya ubgoba bga giturumbuka, Cank’ ukuzingazingwa kw’ abanyavyaha ni kwashika:


Ubugororotsi buzovyara amahoro, kand’ ubugororotsi buzozana ugutekereza n’ivyizigiro gushitsa ibihe bidashira.


Kandi nzoshira abungere kuri zo, baziragire: ntizizoba zikigira ubgoba ukundi, canke ngo zihagarike imitima, kandi ntihazotākara n’imwe muri zo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ni co gituma azobagabura mu bansi, gushitsa ah’ ūramutswe azovyarira: ni ho amasigarira yo mu bavukana na we azogaruka mu Bisirayeli.


Amasigarira y’Abisirayeli ntibazokora ivyo kugabitanya, canke ngo bavuge ibinyoma, kandi nta rurimi rw’ubugunge ruzoboneka mu kanwa kabo: bazorisha bagaramange, ata wubateye ubgoba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite