Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzotsimbatara ku mpinga y’umusozi, ushirwe hejuru y’ iyindi mirambi; kand’ amoko azosendanisha aja kuri wo.

Gade chapit la Kopi




Mika 4:1
53 Referans Kwoze  

Ico gihe bazokwita Yerusalemu intebe y’ubgami bganje, jewe Uhoraho, kand’ amahanga yose azokoranirizwa i Yerusalemu mw izina ryanje, jewe Uhoraho: ntibazoba bakigendera ukundi mu budadarare bg’imitima yabo mibi.


Abo ku mpera zose z’isi bazokwibuka bahindukirire Uhoraho, Amoko yose yo mu mahanga azosengera imbere yawe.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ngarutse i Siyoni, ngerēre hagati y’i Yerusalemu; kandi Yerusalemu hazokwitwa Umurwa w’Umwizigirwa; kand’ umusozi w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzokwitwa Umusozi wera.


Mwami, amahanga yose waremye azoza, akwikubite imbere, agusenge: Kandi bazohimbaza izina ryawe,


ati Bizoba mu misi y’iherezo, ni kw Imana yagize, Nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose: Kand’ abahungu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, N’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe, N’abatāma banyu bazorota inzozi.


maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.


Iki ni co cagezwe c’iyo ngoro: mw itāba ry’uwo murwa, ah’ urugabano rwayo ruyikīkūje hose rugarukira, hazoba hēra cane. Eh’ ico ni co cagezwe c’ingoro.


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Tāzānura ikibanza c’ihema ryawe, ni bāgure amahema y’ah’ uba; ntugarukize hafi; wungure imigozi yaryo, ushimangire imambo zaryo.


Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


mur’ iyi misi y’iherezo yabaririye twebge mu kanwa k’Umwana wayo, uwo yashiriyeho kuba samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi.


Kand’ ubgami n’inganji n’ubukuru bg’ubgami bgose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubgoko bg’abera b’ Īsumba vyose; ubgami bgayo n’ubgami buzokwamaho, kand’ abami bose bazoyikorera bayumvire.


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


aravuga, ati Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihāgije: ariko kandi ndagushizeho ng’ ube umuco wākira amahanga, kugira ngo n’ abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza kanje.


Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.


Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.


Arikw abera b’Īsumba vyose bazohabga ubgo bgami, kand’ ubgo bgami bazobgegukira buhore ar’ ubgabo gushitsa ibihe bitazoshira.


Aca ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ ubgami bgiwe n’ubgami butazohangura.


Nukw icuma n’ibumba n’umuringa n’ifeza n’izahabu bica bimenagurikira rimwe, bicika nk’umuguruka wo ku mbuga basekurirako mu ci; umuyaga urabitumura, maz’ aho vyahora ntihaba hakiboneka: maz’ iryo buye ryikubise kur’ ico gishushanyo ricika umusozi munini, ryuzura isi yose.


ariko mw ijuru har’ Imana ihishura amabanga, kandi ni yo yakumenyesheje ibizobaho mu bihe bizoza, mugenzi. Inzozi zawe n’ivyo werekewe mu mutwe uri ku kirwa vyar’ ibi:


Mur’ ukwo kwerekwa n’Imana, mbona anjanye mu gihugu c’i Bgisirayeli, antereka ku musozi muremure cane, urikw icubatswe nk’igisagara aherekeye i bumanuko.


maz’ uzotera abantu banje b’Abisirayeli, umeze nk’ igipfungu cubikije mu gihugu: maze mu misi y’iherezo nzokugomora utere igihugu canje, kugira ngw amahanga az’ amenye ico ndi co, igihe nzokwiyerekanira kuri wewe imbere yabo ko nd’ Uwera, ewe Gogi!


Yamara nzotuma ab’i Mowabu bahindukira bave mu kinyago mu misi yo hanyuma, ni k’Uhoraho agize. Ivy’ iteka Mowabu haciriwe bigarukiye aho.


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


nzobgira i burārūko, nti Barekure, n’i bumanuko, nti Ntubīmane; zana abahungu banje ubakūye kure, n’abakobga banje ubakūye ku mpera y’isi;


Maze kur’ uwo musi inzamba niniya izovuzwa; kandi hazoza abāriko barahona mu gihugu ca Ashuri, n’abirukanywe mu gihugu ca Egiputa; bazosengera Uhoraho ku musozi wera i Yerusalemu.


Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Yakobo ahamagaza abana biwe, arababarira, ati Ni mukoranire hamwe, ndabamenyeshe ibizobabako mu misi izoza.


irya mbere mukwiye kumenya n’uko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo,


Nuko none nzanywe no kugutahuza ibizoba ku bgoko bganyu mu misi y’iherezo; kukw ivyo weretswe ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.


gushitsa Uwa mbere na mbere aje, atsindishiriza abera b’Īsumba vyose; nukw igihe kirashika, abera begukira ubgami.


Uhoraho arahambaye, abereye gushimirwa cane Ku murwa w’Imana yacu, ku musozi wayo wera.


abo na bo nzobashikana ku musozi wanje wera, mbanezereze mu ngoro yanje yo gusengeramwo; ibimazi vyabo vyo kwoswa n’ivyo gukererwa bizokwemerwa ku gicaniro canje: kukw ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose.


bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi.


Bazoza baririmbire ku mpinga y’i Siyoni, bazohondogana bose hamwe, baja ku vyiza vy’Uhoraho, ni vyo ngano na vino n’amavuta n’imyagazi y’imikuku n’inyana z’amasho. Imitima yabo izomera nk’indimiro ikwegewemw’ umwuzi; nta ho bazogira umubabaro ukundi.


Igihugu cose kizohinduka ikiyaya, uhereye i Geba ugashitsa i Rimoni ahahera i bumanuko bg’ i Yerusalemu: kandi Yerusalemu hazoshirwa hejuru habe aho hāhoze, uhereye kw irembo ry’igisagara ryitwa irya Benyamini, ugashitsa ah’ irembo rya mbere ryāhoze, ugashitsa no kw irembo ryo ku nkokora, kand’ uhereye ku munara w’amabuye wa Hananeli ugashitsa ku māto yimbge hasi baganiramwo vino z’i bgami.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite