Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu b’inzu ya Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli, mwebge abazinukwa imanza ziroranye, mukagoreka ivyari bibereye vyose;

Gade chapit la Kopi




Mika 3:9
16 Referans Kwoze  

Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari.


Ūtsindanishiriza umunyakibi, bo n’ūtsindisha umugororotsi Bompi nyene n’igisesema k’ Uhoraho.


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūgoreka urubanza rw’inyambukīra, canke rw’impfuvyi canke rw’umupfakazi. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Maze ndavuga, nti Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu ba Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli: mbega si mwebge mwari mukwiye kumenya imanza ziroranye?


Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.


Bacitse ibisēme, barayagayaga; bakora ibibi vy’akarenzarugero: ntibabūrana impfuvyi mu manza ngo zibone kuroranirwa; kand’ urubanza rw’aboro ntibaruca.


kandi ni mwagaya amabgirizwa yanje, mukazinukwa ivyo nashinze, bigatuma mutitondera ivyagezwe vyanje vyose, mukica isezerano ryanje;


Genda, uz’ ukoranye abashingantahe b’Abisirayeli, ubabgire, ut’ Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, yaranyiyeretse, ari yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo, irambarira, iti N’ukuri nabagendeye, mbona ivyo babagirira muri Egiputa:


Mu manza si vyiza gutinya umunyakibi ku kigohe, Canke gutsindisha umugororotsi.


Amanyama y’abanyakibi azobavumbura, Kuko banse gukora ibiroranye.


Baze bigishe abantu banje gutandukanya ivyera n’ibitar’ ivyera, babamenyeshe itandukaniro ry’ibihumanye n’ibidahumanye.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Mika w’i Moresheti, ku ngoma ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, amajambo y’ivyo yeretswe kuri Samariya n’i Yerusalemu.


Ndaheza ntātira abakuru bo mu Bayuda, nti N’iki gituma mukora ibibi bisa birtyo mugahumanya isabato?


Umuntu w’umunyakibi agoborora ingurire mu kwaha Kugira ngw agoreke inzira z’ imanza.


Yemwe abahindura imanza zigacika umururazi, ukugororoka mukagushiburira hasi,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite