Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 3:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maze namwe har’ igihe muzotakambira Uhoraho, ntabishure, mber’ azobahisha mu nyonga hiwe ico gihe, nk’uko namwe mwagize nabi mu vyo mwakoze.

Gade chapit la Kopi




Mika 3:4
26 Referans Kwoze  

Ni mwatega amaboko yanyu nzobahisha mu nyonga hanje; mbere naho mwosenga amasengesho menshi sinzobumviriza: amaboko yanyu yuzuyekw ibitenga vy’amaraso.


Ni ho bazontakambira, ariko sinzobishura; Bazondondera ubudahumeka, ariko ntibazombona:


Ni co gituma nanje nzobakorera ivy’ uburake; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: naho bazontakambira mu matwi, bashize amajwi hejuru, sinzobumviriza.


Baratakamvye, ntihagira ūbakiza; Batakambiye Uhoraho, ntiyabishura.


Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.


Benshi bazombgira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw izina ryawe?


Umunyavyaha azobona ibara! Azomererwa nabi, kukw azogererwa ingero y’ivyo amaboko yiwe yakoze.


Turazi kw Imana itumviriza abanyavyaha, arik’ ūyubaha, agakora ivyo igomba, uwo ni we yumviriza.


Nyen’ inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, mukavuga, muti Mupfasoni, n’utwugururire: ni ho azobishura, ati Simbazi, sinzi n’iyo muvuye.


Kandi nk’uko nahamagaye bakica amatwi, ni ko na bo bazohamagara nanje nkica amatwi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize;


ni bo Bakaludaya bazokwuzuza ayo mazu imivyimba y’abantu nicishije uburake bganje n’ubushangashirwe bganje, kuko bātumye mpisha mu nyonga hanje iki gisagara kubg’ ivyaha vyabo vyose;


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


Uwica ugutwi ngo ntiyumve ivyagezwe, N’ugusenga kwiwe na kwo kuba igisesema.


Maz’ umusi muzobibona muzoborōzwa n’uwo mwami mwitoreye; arik’ uwo musi nta co Uhoraho azobishura.


Mbeg’ Imana yokwumva ugutakamba kwiwe, Ivyago iyo bimuteye?


Ereg’ Imana ntiyokwumva amagambo y’ubuhuhuta, Īshobora vyose ntiyonayababara.


Nuko rero nzobazanakw ivyago batazoshobora gukira, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazontakambira, ariko sinzobumva.


Iyo bisonzesha sinzoruha numva ugutakamba kwabo; iyo bosa ikimazi, bazanye n’ishikanwa ry’ifu, sinzobākīrira: ariko nzobaranduza inkota n’inzara n’ikīza.


Abamenyi bazotētērwa, n’abapfumu bamāramāre; mbere bose bazojorerwa, kukw ata co bishuwe kivuye ku Mana.


Yamar’ isi izohinduka umusaka, kubg’ abayibako, bahōwe ivy’ ibikorwa vyabo vyāmuje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite