Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Yemwe abanka ivyiza mugakunda ibibi; abantu banje mukaborosorako urukoba rwabo, mugaharura inyama ku magufa yabo;

Gade chapit la Kopi




Mika 3:2
32 Referans Kwoze  

Abaganwa baho bameze nk’amabingira atabagura ico ahīze; bavisha amaraso, bagahonnya abantu, ngo bironkere inyungu.


Abataye ivyagezwe bashima abanyakibi, Arikw abitondera ivyagezwe barabarwanya.


Mbeg’ inkozi z’ibibi zose nta bgenge zifise? Ko barya abantu banje nk’uko barya umutsima, Kandi ntibambaza Imana.


Urukundo rwanyu rwoye kuba uruheyiheyi. Mwanke ibibi, mumatane n’ivyiza;


mukora ibiki, gusekura abantu banje, mugasya impahazwa? ni k’Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, abaza.


Maze Yehu mwene Hanani kamenyi aja kumusanganira; abaza umwami Yehoshafati, at’ Aho war’ ukwiye gutabara abanyakibi, ugakunda abanka Uhoraho? Kubg’ ivyo wikwegeye uburake bg’Uhoraho.


Maze Ahabu abarira Eliya, at’ Urandonse akabero, wa mwansi wanje! Na we ati Ndakuronse akabero koko, kuko witanze gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.


badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza,


Abo, naho bāmenye urubanza Imana ica, yukw abakora ibisa birtyo bakwiye gupfa, ntibabikora gusa, ariko batako bagashima n’ababikora.


Nuko basubira gusemerera, bati S’uyo, ariko turekurire Baraba. Yamara Baraba yar’ umwambuzi.


Ab’ isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko mbavugira ibikorwa vyabo kw ari bibi.


Arikw abantu biwe bāramwanka, bamukurikiza intumwa, bat’ Uyo ntitugomba kw atuganza.


Abaganwa bo muri wo ni nk’intambge zīvuga; abacamanza bawo ni nk’amabingira agenda ijoro, atagira ico arāza na mba.


Ut’ Ariko mweho muzirya ibinure, mukambara ubgoya bgazo, mukabāga izinuze; ariko ntimuragira intama.


Mu maso yiwe igihumbu kirakēngēretse, Ariko yubaha abatinya Uhoraho; Ico yarahiye naho comugirira nabi, ntiyirahuruza.


Nzoserura ukugororoka kwawe n’ibikorwa vyawe; ariko ntibizogira ico bigufasha.


Nuko rer’ uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, at’ Imihindigiti y’abo mwishe, mukayirunda hagati muri co, abo ni zo nyama, iki gisagara na co n’inkono: ariko namwe muzogikūrwamwo.


wegeranye inkekera z’inyama uzishiremwo, mber’ igikenye cose ciza‐ciza, ukuguru n’ ukuboko; uyuzuze n’amagufa meza‐meza,


Ariko mur’ ibi bihe abantu banje mumpagurukiye nk’abansi: abagenda ata co bīnona, batagomba intambara, mubakiza imitamana basēsa hejuru y’izindi.


Abubaha Imana baraherengeteye mw isi, kandi mu bantu nta n’umwe atunganye: bose babundira kuvisha amaraso, umuntu wese ahīga mugenzi we ngw amute mu ruriba.


Amaboko yabo yamogoreye gukora ibibi; umuganwa ari n’ivyo yāka, umucamanza aca ingurire, ūhambaye yenyaguza ivyifuzo bibi vyo mu mutima wiwe: uko ni ko babijishira hamwe.


Bazobona ibara, abīta ikibi iciza, iciza bakacīta ikibi; bagashira umwiza mu gishingo c’umuco, n’umuco mu gishingo c’umwiza; bagashira ibirura mu gishingo c’ibisosa, n’ibisosa mu gishingo c’ibirura!


Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite