Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Abagore bo mu bantu banje mubirukana mu mazu yabo bakunda; abana babo bato icubahiro nabahaye mwakibakūyeko gushitsa ibihe bidashira.

Gade chapit la Kopi




Mika 2:9
14 Referans Kwoze  

Kuko kumenya icubahiro c’ Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.


Ubgiza bganje nzobushira hagati mu mahanga; kand’ amahanga yose azobona iteka nashikije, n’ukuboko kwanje nabashōreyeko.


Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.


Tweho twese, ko tutitwikiriye mu maso, tukerekana nk’icirore ubgiza bg’Umwami, turahinduka, tugashushanywa n’iyo shusho, tukava mu bgiza tukaja mu bundi, nk’abahindurwa n’Umwami, ari we Mpwemu.


Barya ingo z’abapfakazi, kandi basengesha menshi bahūmba; abo bazocirwa urubanza ruruta izindi.


Barya ingo z’abapfakazi, kandi basengesha menshi bahumba: abo bazocirwa urubanza ruruta izindi.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [


Kukw ari jewe nzohabera uruzitiro rw’umuriro ruhakikije, ni k’Uhoraho agize, kandi nzohabera ubgiza ndi hagati mu mugoma.


Bifuza amatongo bakayanyaga, n’amazu bakayikumirako; bagahahaza umuntu n’abo mu nzu yiwe, mber’ umuntu bamuhahazanya n’ishamvu yiwe.


kand’ abantu b’i Buyuda n’ab’i Yerusalemu ko mwābaguze n’Abagiriki, kugira ngo mubakūreho, baje kure y’igihugu cabo:


Ihema ryanje rirononekaye, imigozi yose iracitse; abana banje bamvuyeko, ntibakiriho: nta wugisigaye wo kwagura ihema ryanje, ngw abambe ibihuzu vyaryo.


Izina ryayo ry’icubahiro rihimbazwe ibihe bidashira; Kand’ isi yose yuzure icubahiro cayo; Amen, kandi Amen.


None rero ndakwinginze, mugenzi, zirikana amajambo yanje jewe umusavyi wawe, mwami; asangw’ ar’ Uhoraho yakungomoreye, ni yemere ndamuhe ikimazi; na ho ni baba ar’ abantu, barakavumwa imbere y’Uhoraho, kuk’ ubu banciye, ngo singire umugabane mw ishamvu y’Uhoraho, bakavuga ngo ni ngende gusaba izindi mana.


Basiribangira imitwe ya ba nyarucari mu mukungugu wo hasi, bakagoreka inzira z’abicisha bugufi; umwana na se binjirana umwigeme umwe, bagatukisha izina ryanje ryera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite