Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ni co gituma mw ikoraniro ry’Uhoraho utazobona uwo kugeresha ishamvu umugozi.

Gade chapit la Kopi




Mika 2:5
12 Referans Kwoze  

Enda ni mwitoranirize abantu batatu‐batatu mu muryango wose; nanje ndabatume banyuranganye igihugu, bandike uko gisa, n’ingene cogabanganywamw’ amashamvu yabo; ni baheza bagaruke iyo ndi.


Igihe Īsumba Vyose yagabanganya amahanga amashamvu yayo, Igatandukanya amoko n’ayandi, Yashizeh’ imbibe z’amahanga, Nk’ukw igitigiri c’Abisirayeli kingana.


Nuko Yosuwa abapfindira ubupfindo imbere y’Uhoraho i Shilo; agabanganya Abisirayeli ico gihugu, nk’ukw imigabane yabo iri.


Ntibazoguma mu gihugu c’Uhoraho; ariko Efurayimu azosubira muri Egiputa, bazorīra ivyo kurya bihumanye muri Ashuri.


Ubupfindo bgankubitiye amabango ahantu heza, Ni koko, mfise umwandu mwiza.


Kand’ aba ni bo bādūze bava i Telimela n’i Teliharisha n’i Kerubu n’i Adoni n’i Imeri, ariko vyarabananira kwerekana amazu ya ba sekuruza bandurutseko cank’ abo bākomōtseko yukw ar’ Abisirayeli vy’ukuri.


Abuzukuru babo bazovuka hanyuma bazoshobora kuja mw ikoraniro ry’Uhoraho.


Umuntu w’ikivyarwa ntaz’ agere mw ikoraniro ry’Uhoraho; haba n’uwo mu ruvyaro rwiwe azorigeramwo, eka mber’ uko bazogenda bavyarana gushitsa no ku bihe cumi.


Mose abishikiriza Abisirayeli, at’ Ico ni co gihugu muzohabga kw ishamvu, mukigabanganijwe n’ ubupfindo, ico Uhoraho yageze ko gihabga imiryango cenda n’igihimba;


gushitsa ah’ Uhoraho yabakūriye imbere yiwe, nk’uko yari yarabivugiye mu basavyi biwe bose yavugisha. Uko ni kw Abisirayeli bāmbukanywe, bakūrwa mu gihugu cabo bajanwa muri Ashuri, gushitsa na bugingo n’ubu.


Akavuga, ati Ni wewe nzoha igihugu c’i Kanani, Ngo kibe ishamvu mukubitiwe amabango.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite