Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Bifuza amatongo bakayanyaga, n’amazu bakayikumirako; bagahahaza umuntu n’abo mu nzu yiwe, mber’ umuntu bamuhahazanya n’ishamvu yiwe.

Gade chapit la Kopi




Mika 2:2
28 Referans Kwoze  

Bazobona ibara, abomeka ingo ku zindi bakīkumirakw amatongo, gushitsa hatagira ahasigaye, mukaba ari mwebge mwenyene musigaye mwiganziye hagati mu gihugu!


Ni mwumve ibi, yemwe abagomba gusiribanga abakene, no kumara impahazwa zo mu gihugu,


Ariko weho amaso yawe n’umutima wawe nta handi bitumbereye atar’ ukwifuza inyungu mbi, no kuvisha amaraso y’abatācumuye, no guhahaza, n’umuryano.


akagunga impahazwa n’umukene, akanyaga ku gahahazo, akima ingwati nyeneyo, akunamurira amaso ibigirwamana, kand’ agakora ibizira,


Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu b’inzu ya Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli, mwebge abazinukwa imanza ziroranye, mukagoreka ivyari bibereye vyose;


Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.


kandi k’Uhoraho yavuze, ati N’ukuri ejo nabonye amaraso ya Naboti n’ay’ abana biwe, kandi ko yavuze, ati Nzobigusubiza ku mutwe ngaha nyene mur’ iri tongo? Nuko rero muterure, umushiburire mur’ iri tongo, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze.


Ntukifuze inzu ya mugenzawe, ntukifuze umugore wa mugenzawe, cank’ umugurano wiwe, cank’ umuguranokazi wiwe, cank’ inka yiwe, cank’ indogoba yiwe, cank’ ikintu na kimwe ca mugenzawe.


Asangwa mu bgatsi bganje hatakishwa no kundega, N’ubusize bgaho bukarira;


Kandi hār’ umuntu yitwa Naboti w’i Yezireli, yar’ afise uruzabibu aho nyene i Yezireli, rubangikanye n’urugo rwa Ahabu umwami w’i Samariya.


Maz’ arambaza, ati Mbeg’ ivyo urabibonye ga mwana w’umuntu? Mbeg’ ab’ inzu ya Yuda kibabereye ikibangutse gukora ivyo bizira bakorera hano hantu? Kukw igihugu bacujuje umuryano, bakongeranya kwihindagura ngo bandatse: mbere bagashira udushami ku mazuru yabo.


Nuko rero, ehe rāba, kubg’ inyungu z’ubugunge waronse, no kubg’ amaraso yaviriye muri wewe, bitumye nkubita amashi ku yandi.


Ko mwishimiye inkota zanyu, mugakora ibizira, umuntu wese akonona muka mugenzi we: none mugira ngo mwohabga igihugu kw ishamvu?


Yamara segaba ntakanyage amashamvu y’abantu, ngw abasohore mu mashamvu yabo; ariko ni yakebera abana biwe ishamvu, ayikūre ku ho yiganziye ubgiwe, ngw abantu banje boye kuzosābagizwa, ngo hagire umuntu akūrwa mw ishamvu yiwe.


Basiribangira imitwe ya ba nyarucari mu mukungugu wo hasi, bakagoreka inzira z’abicisha bugufi; umwana na se binjirana umwigeme umwe, bagatukisha izina ryanje ryera.


Kukw abatunzi baho buzuye umuryano, n’abahaba bavuga ibinyoma, indimi zo mu kanwa kabo zirahendana.


Uhoraho azoshira abakuru b’abantu biwe n’abaganwa babo mu rukinja, ati Ni mwebge mwakomvye uruzabibu, ivyo mwanyaze impahazwa biri mu ngo zanyu:


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Birahāgije, yemwe ba segaba b’Abisirayeli: ni mureke umuryano no kunyaga, ni muce imanza zibereye n’iziroranye; mukūre ku bantu banje akadenderezo mubadendereza, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite