Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 2:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ewe Yakobo! Sinzobura gukoraniriza abawe bose hamwe, kandi sinzobura kwegeranya amasigarira y’Abisirayeli; nzobakumakumira hamwe nk’intama z’i Bosira; bazohūrīra nk’umukuku uri mwinshi mu canya cawo.

Gade chapit la Kopi




Mika 2:12
28 Referans Kwoze  

Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ab’ inzu ya Isirayeli bazosubira kunsigūza ivyo, kugira ngo mbibakorere: nzobagwiriza abantu nk’umukuku.


N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.


Ragiza abantu bawe inyobozo yawe, ari bo mukuku wawe wīzīziye, bībēra ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli: barishe i Bashani n’i Gileyadi, nko mu gihe ca kera.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, bitororēra umuntu, canke ngo bitenyenyere abantu.


Nuko nzokwanda umuriro i Temani, utongore ingoro z’i Bosira.


Kand’ Abayuda n’Abisirayeli bazokoranira hamwe, bitoranirize segaba umwe, badūge bave mu gihugu; kuk’ uwo musi w’i Yezireli uzoba uhambaye.


Maz’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba ngira nkūre Abisirayeli mu mahanga bāgiyemwo, mbakoranirize hamwe mbakūye mu mpande zose, mbashikane mu gihugu cabo bgite;


Kandi namwe ntama zanje, mwa ntama z’icibare canje, mur’ abantu, nanje nd’ Imana yanyu, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


ni co gituma ngira nkize umukuku wanje ngo ntube ukiba inyagano ukundi; kandi nce urubanza hagati y’ibitungwa n’ibindi.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba jewe, jewe ubganje, ndīgīriye kurondera intama zanje, ndazibariritse.


Kandi nzokoraniriza hamwe amasigarira y’ umukuku wanje, ndazikūre mu bihugu vyose aho nazirukaniye, ndazigarukane ukundi gusha mu mpongore zazo; zizorondoka zigwire.


Inkota y’Uhoraho yuzuyekw amaraso, ihāze ibinure, amaraso y’imyagazi y’intama n’impene, n’ibinure vyo ku mafyigo y’amasuguru y’intama; kuk’ Uhoraho yifitiye ikimazi i Bosira, n’ukugeseza gukomeye mu gihugu ca Edomu.


Kur’ uwo musi Uhoraho azosekura akūre impeke ziwe, uhereye kuri rwa ruzi Efurate, ugashitsa kuri wa Mugezi wa Egiputa; maze muzonobagurwa umwe‐umwe, mwebge Abisirayeli.


Kandi kur’ uwo musi Umwami Imana azotuma ukuboko ubugira kabiri, kugarukana amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, abakūre muri Ashuri no muri Egiputa n’i Patirosi n’i Kushi no muri Elamu n’i Shinari n’i Hamati no mu bizinga vyo mu kiyaga.


Mur’ iyo misi ab’ inzu ya Yuda bazogendana n’ab’ inzu ya Isirayeli, bazanane bava mu gihugu c’i burārūko, baza mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu k’umwandu.


Bela atanze, Yobabu mwene Zera w’i Bosira asubira ku ngoma yiwe.


Ico gihe imyagazi y’intama izorisha nk’ah’ ari mu canya cayo, kand’ ivyo mu matongo y’abakire abayerera ni bo bazobirya.


Ūgenda arabacīra inzira yadūze imbere yabo: baramennye, baca mw irembo, barifyuka inyuma: umwami wabo yabagiye imbere, Uhoraho ni we yabarōngōra.


Nawe, mutara wo kurābirak’ umukuku, umusozi w’umukobga w’i Siyoni, ya nganji izoza kuri wewe: imwe ya mbere izokugarukako, bga bgami bg’umukobga w’i Yerusalemu.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.


Bela atanze, Yobabu mwene Zera w’i Bosira asubira ku ngoma yiwe.


Kandi nzozizana ndazikūye mu mahanga, ndazikoranirize hamwe ndazikūye mu bihugu, nzozizana ndazishikane mu gihugu cazo bgite; nzoziragira ku misozi y’i Bgisirayeli, i ruhande y’imigende y’amazi, n’ ahantu hose har’ abantu mu gihugu.


Ico gihe nzobacūra i muhira, mber’ ico gihe nzobakoraniriza hamwe: kuko nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa mu moko yose yo kw isi, igihe nzogarukana abanyu bajanywe ar’ inyagano muvyibonera, ni k’Uhoraho agize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite