Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kuk’ uruguma rwaho rutazovūrika: mbere rwashitse n’i Buyuda; rushika kw irembo ry’ abantu banje, mbere rurinda rushika n’i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi




Mika 1:9
15 Referans Kwoze  

Ūba i Maroti yiteganye ivyiza umutima uhagaze: kukw ivyago vyamanutse bivuye k’Uhoraho, bigashika kw irembo ry’i Yerusalemu.


N’iki gituma uburibge bganje bgamaho, n’igisebe canje kikaba ikitavūrika, kikanka gukira? Mbega wombera nk’uruzi ruhendana, nk’amazi akamye?


Amarembo y’i Siyoni azorira aboroge: hazokwicara hasi hasigaye ar’ umuzigirizwa.


Dūga upfe kwizenza i Gileyadi, wābīrey’ umuti, wewe mukobga w’inkumi ari we Egiputa: nta kimazi kunywa imiti myinshi: nta wo kuzogukiza uriho.


Ni co gituma nzogukubita nkagusāvya, nkugeseze nguhōye ivyaha vyawe.


Uruguma rwawe nta kōyōkwe rugira; igikomere cawe ntikizokira: abumvise inkuru zawe bose bakubita amashi ku yandi; mbega ni nde utāhora ugirira nabi?


Mu mwaka ugira icumi na kane umwami Hezekiya ari ku ngoma, Senakeribu umwami w’i Ashuri yaradūze, atera ibisagara vyose vyubakiwe inzitiro vy’i Buyuda, arabitsinda.


Bukeye umwami w’i Ashuri atuma Rabushake ava i Lakishi ajanye ingabo nyinshi, aja i Yerusalemu, ku mwami Hezekiya. Ashitseyo ahagarara ku mugende wo ku kidengeri co haruguru, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite