Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kubg’ ivyo nzorira mboroge, ngende nambaye ubusa, ata n’ inkweto: nzorira nk’imbgebge, mboroge nk’ igisīga citwa imbuni.

Gade chapit la Kopi




Mika 1:8
19 Referans Kwoze  

Kubg’ ivyo ndavuga, nti Ni murābe irya, munkūrekw amaso, mureke ndire nitunturire; ntimwigore ngo muranyirura umubabaro mfitiye ukunyagwa kw’i Yerusalemu umukobga w’ubgoko bgacu;


Kukw ijwi ry’amaborogo yumvikana i Siyoni, rit’ Ewe kuntu tugeseye! Turatēterewe cane, kuko twirukanywe mu gihugu cacu, kandi bāsanganguye amazu yacu.


Ngira ndirire imisozi ndayiborogere, ncurire akanihiro amātsi yo mu biyaya, kuko haturiwe, ata wukihaca, kand’ ata wucumva kwābagirana kw’amasho; inyoni zo mu kirēre bo n’ibikōko birahunze, biragiye.


Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!


Amara yanje, amara yanje aradobangana! Nseserewe mu mutima wanje; umutima wanje umpagazemwo, sinshobora kwiyumanganya; ewe mutima wanje, ni kuko wumvise ijwi ry’inzamba, n’akarūru k’intambara!


Ni co gitumye ikiyunguyungu canje cuzuye uburibge, ngafatwa n’ibise nk’ibise vy’umugore ari ku nda; ndaribga bituma ntashobora kwumva, ubgihebe bg’ubgoba butumye ntashobora kubona.


Kubg’ ivyo nzoririra uruzabibu rw’i Sibuma, nk’ukw ab’ i Yezeri baruririra. Nzogutotesha amosozi yanje, yewe Heshiboni, nawe Eleyale: kukw akarūru k’intambara kavugiye ku vyeze vyawe vyo mu ci no ku vyimburwa vyawe.


Arikw ibikōko vyo mu bugaragwa ni vyo bizohagandagaza: amazu yabo azokwuzura ibihuna; ibisīga vyitwa imbuni na vyo bizohaba, n’ibisigo vy’amapfizi y’impene bizohatēganira.


Mmeze nk’inyanana yo mu bugaragwa, Mpindutse nk’igihuna co mu misaka.


Ndi mwene wabo w’imbgebge, Ndi mugenzi w’igisīga citwa imbuni.


Ashitseyo yīkiza impuzu ziwe, avugishirizwa imbere ya Samweli arambaraye hasi yambaye ubusa, yiriza umusi akēsha ijoro. Ni co catumye bavuga, bati Mbega Sauli na we yari mu bavugishwa n’Imana?


Amabingira azotontomera mu bihome vyabo, n’imbgebge mu ngoro z’igikundiro. Igihe caho kigira gishike, kand’ imisi ir’ imbere yaho ntizokwongerwako.


Hinda agashitsi, yemwe bagore bidibamiye; hagarika imitima, yemwe mwa bidage! Mwiyambure impuzu, mwīsige ubusa, mukenyere amagunira mu rukenyerero.


riti Mwana w’umuntu, borogera ishengero ryo muri Egiputa, urikororane n’abakobga b’amahanga ya rurangiranwa, gushitsa i bgina i kuzimu, hamwe n’abamanuka baja muri rwa rwobo.


Uwo musi muzoba iciro ry’imigani, mucure intimba, muti Biracitse! Turageseye! Umugabane w’ubgoko bgacu yawuhaye abandi, arawutunyaze! Amatongo yacu yayagabanganije abanyazi!


Mu mwaka ugira icumi na kane umwami Hezekiya ari ku ngoma, Senakeribu umwami w’i Ashuri yaradūze, atera ibisagara vyose vyubakiwe inzitiro vy’i Buyuda, arabitsinda.


Nuko Moridekayi amenye ibibaye vyose ivy’ ari vyo, yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara igunira, yisūrirakw iminyota, arasohoka aja mu gisagara hagati, aborogesha ijwi rirenga ry’ umubabaro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite