Ngira ndirire imisozi ndayiborogere, ncurire akanihiro amātsi yo mu biyaya, kuko haturiwe, ata wukihaca, kand’ ata wucumva kwābagirana kw’amasho; inyoni zo mu kirēre bo n’ibikōko birahunze, biragiye.
Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!
Ashitseyo yīkiza impuzu ziwe, avugishirizwa imbere ya Samweli arambaraye hasi yambaye ubusa, yiriza umusi akēsha ijoro. Ni co catumye bavuga, bati Mbega Sauli na we yari mu bavugishwa n’Imana?
Mu mwaka ugira icumi na kane umwami Hezekiya ari ku ngoma, Senakeribu umwami w’i Ashuri yaradūze, atera ibisagara vyose vyubakiwe inzitiro vy’i Buyuda, arabitsinda.