Ingeso zawe n’ibikorwa vyawe ni vyo bikuzaniye ibimeze birtyo; ivyo ni vyo nyishu y’ububi bgawe; ni koko n’ivy’ umubabaro, kandi bikora no ku mutima wawe.
Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga!
Mu mwaka ugira umunani ari ku ngoma, akir’ umwana, yatanguye kurondera Imana ya sekuruza Dawidi; maze mu mwaka ugira icumi na kabiri atangura gutunganya i Buyuda n’i Yerusalemu, ahakūra ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, n’inkingi bāshingiye Ashera, n’ibishushanyo bibājwe bo n’ivyavugutiwe mu nkero;
Bukeye Salomo ataba ku mpinga y’umusozi werekeye i Yerusalemu igitabo ca Kemoshi, ca kizira c’ubuyobe c’Abanyamowabu, bo n’ica Moleki, ca kizira c’ubuyobe c’Abamoni.