Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ni mwumve, mwa moko yose mwe; tega amatwi nawe wa si, n’ibiri muri wewe vyose! Umwami Uhoraho n’abe icagiriza canyu, Umwami ari mu rusengero rwiwe rwera.

Gade chapit la Kopi




Mika 1:2
33 Referans Kwoze  

Ni mwumve, mwa majuru, tega amatwi, wa si we, kuk’ Uhoraho abivuze: ati Narakujije abana, ndabarera, maze barampinduka.


Uhoraho ari mu rusengero rwiwe rwera, Uhoraho, intebe yiwe iri mw ijuru. Acacisha inyonga ziwe abana b’abantu, mu kigohe ciwe harabasuzuma.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Yamar’ Uhoraho we, ari mu rusengero rwiwe rwera: isi yose n’ihwēkērere imbere yiwe.


Ah’ umutima wanje wiheburira muri jewe, nibutse Uhoraho, Ugusenga kwanje kwagushitseko mu rusengero rwawe rwera.


Ewe wa gihugu we, wa gihugu we, wa gihugu we, ni wumve ijambo ry’Uhoraho!


Bantu banje ni mwumve, nanje ndavuga, Wa bgoko bga Isirayeli, ndashinga intahe: Ni jewe ubganje Mana, Imana yawe.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.


Yamara muravuga, muti Ni ku ki? Ni kuk’ Uhoraho yabaye icabona canyu, mwe n’umugore wawe wo mu bucance, uwo waryarutse, nah’ ar’ umugenzi wawe, akaba n’umugore w’isezerano.


kuko bākoze ivy’ ubupfu mu Bgisirayeli, bagasambana n’abagore ba bagenzi babo, bakavuga amagambo y’ibinyoma mw izina ryanje, ayo ntābageze; jewe ubganje ndabizi, kandi nd’icabona, ni jewe Uhoraho mbivuze.


ni wumve, wa si we, ehe ngira nzane ivyago kur’ ubu bgoko, vyandurutse mu vyiyumviro vyabo, kuko batumviye amajambo yanje, kand’ ivyagezwe vyanje bakaba bārabikēngereye.


Nogize inzara sinorinze kukubgira, Kukw isi ar’iyanje n’ibiyuzuye.


Inyabushobozi, Imana Rurema, Uhoraho aravuze; Ahamagaye isi, uhereye i burasirazuba, ugashitsa aho rirengera.


Wumvirize ijwi ry’ukwinginga kwanje uko ngutakambiye, Uko ntaritse amaboko, ndayatumbereje ahēra h’urusengero rwawe.


Isi n’iy’ Uhoraho, n’ibiyuzuye, Isi n’abayibamwo.


Tega ugutwi, wa juru we, nanje mvuge; Isi na yo ni yumve amajambo ava mu kanwa kanje.


Abo bakuru b’i Gileyadi baramwishura, bat’ Uhoraho abaye icabona hagati yacu, yuko tuzoshitsa ivyo uvuze.


Mikaya aravuga, ati Ni waramuka utabarutse amahoro, Uhoraho azoba atamvugishije. Arongera ati Mwa bantu mwese, muraba muvyumvise!


Mikaya aravuga, ati Ni waramuka utabarutse amahoro, Uhoraho azoba atamvugishije. Arongera ati Mwa bantu mwese, muraba muvyumvise!


Yemwe ababa mw isi mwese, yemwe abagandagaje mw isi, ni mwabona ibendera imanitswe ku misozi miremire, muze mwiyubare, kand’ inzamba ni yavuga, muze mwumvirize.


Arik’ Umwami Uhoraho arantabara, ni co gituma ntatētērwa: ni co gituma ndinduka, mu maso hanje hakamera nk’ibuye, kandi nzi yuko ntazomāramāra.


Bishura Yeremiya, bat’ Uhoraho n’atubere icabona c’ ukuri c’ukwizigirwa, ni tutākora nk’ukw ijambo ryose rimeze, iryo Uhoraho Imana yawe azokudutumako.


Ati Ni mwebge mwa bagabo mpamagaye, Kand’ ijwi ryanje rihamagaye abana b’abantu.


Aberekeza umutima ku bitagira ikimazi vy’ibinyoma Baba bataye guharirwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite