Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Mika 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ntimukabikerukirize i Gati, ntimuzirukanye ngo murire; i Beti‐Leyafura abe ari ho mwikumbagariza mu mukungugu.

Gade chapit la Kopi




Mika 1:10
7 Referans Kwoze  

Ntimukabikerutse i Gati, Ntimukabitāngāze mu nzira z’i Ashikeloni, Abakobga b’Abafilisitiya boye kunezerwa, Abakobga b’abantu b’intakebga boye gutera impundu.


Ewe Yerusalemu, wa mukobga ari bo bantu banje, kenyera amagunira, wikumbagaze mu minyota: vuza induru nk’ūyivugiriza umwana wiwe w’ikinege, uborogane akabonge kenshi; kuk’ umugeseza agira adushikeko giturumbuka.


Umuntu ni yaza guterura umuvyimba wa mwene wabo ngw awuturire, agakūra ico kiziga mu nzu, azobaza ūri haruguru mu nzu, ati Har’ ūgisigaye muri kumwe? na we azomwishura, ati Na mba; maz’ uno amubgire, at’ Iyihorerere, kuko tudashobora kuvuga izina ry’Uhoraho!


Ni co gituma umunyamakenga apfa kwinumira mu gihe nk’ico, kukw ar’ igihe kibi.


N’ashikane umunwa wiwe mu mukungugu, namba kumbure harih’ ivyizigiro.


Nuko yābīra urujo rwo kwiyagarisha; araheza yicara ku gikuburiro c’umunyota.


na Avimu na Para na Ofura,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite