Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 8:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Yesu aca aramvura ukuboko amukorako. Aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!” Ubwo nyene aca arakira ya mibembe.

Gade chapit la Kopi




Matayo 8:3
19 Referans Kwoze  

Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka. Imibembe ica imuvako.


Kuko yavuze, bikaba, Yageze, bikaguma.


Nukw aramanuka, yībira muri Yorodani ibihetangabo ndwi, nk’uk’ uwo muntu w’Imana yari yamubariye. Ako kanya umubiri wiwe uhinduka nk’uw’ umwana mutoya, arahumanuka.


Amugirira akagongwe, aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka.


Nk’uko Se azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo abo agomba.


Arikangura, azibiza ingunza, abarira ikiyaga, ati Hora, utekereze. Umuyaga uraca, haba agahwekere rwose.


Ariko Namani aca araraka, arivumbura, ati Nahoze ngira ngw arasohoka ahagarare, atakambire izina ry’Uhoraho Imana yiwe, azungagize ukuboko hejuru y’ aho ndwaye, ankize imibembe.


Imana iravuga, iti Ni habeh’ umuco: umuco ubaho.


Amaze kuvuga ivyo, asemerera n’ijwi rirenga, ati Lazaro, ngwino, sohoka.


Yigira hafi y’ikigagara, agikorako, abahamvyi barahagarara. Aravuga, ati Muhungu, ndakubariye nti Vyuka.


Yesu abonye abantu bagwirirana biruka, akankamira iyo mpwemu ihumanye, ati Yewe mpwemu y’ikiragi kandi y’igipfamatwi, ubganje ndakubariye muvemwo, ntukamugarukemw’ ukundi.


Ararangamiza, arāba mw ijuru, yitsa umutima, arakibarira, ati Efata, risobanurwa ngo Zibūka.


afata ukuboko kw’ikiziga, arakibarira, ati Talisa kumi; bisobanurwa ngo Gakobga, ndakubariye, nti Vyuka.


Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n’uwundi, nta caha baba bafise, ariko noneho twe na Data baratubonye, baraheza baratwanka.


Aramubarira, ati Gisubize mu gikiriza. Agisubizayo; maz’ agisokoroye, asanga gisubiye kumera nk’ahandi hose ku mubiri wiwe.


Maz’ abgira uwo muntu, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arakuramvura, kurakira, gukomera nk’ukundi.


Kandi hārih’ abanyamibembe benshi mu Bisirayeli mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Elisa, ntihākizwa n’umwe muri bo, atari Namani Umusiriya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite