Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 8:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Maz’ umunyamibembe aza kuri we, aramupfukamira, ati Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Maze haza umuntu arwaye imibembe, apfukama imbere yiwe, amubwira ati: “Mwami, ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka.”

Gade chapit la Kopi




Matayo 8:2
37 Referans Kwoze  

Wa muntu yikubita hasi, amwitembagaza imbere, ati Mwami, nyihanganira, nzokwishura vyose.


Amushikiriye aramupfukamira, ati Ntabara se Mugenzi.


ibihishijwe mu mutima wiwe bigaseruka; nukw akubika inda, agasenga Imana, akātura yukw Imana iri muri mwebge vy’ukuri.


Petero agira yinjire, Koruneliyo aramusanganira, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramupfukamira.


Na we ati Ndizeye, Mwami. Araheza aramupfukamira.


bamubonye, baramusenga, ariko bamwe barakekeranya.


Kandi hārih’ abanyamibembe benshi mu Bisirayeli mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Elisa, ntihākizwa n’umwe muri bo, atari Namani Umusiriya.


Yesu ar’ i Betaniya mu nzu kwa Simoni umunyamibembe,


Buno nyina wa bene Zebedayo aza kuri we, ari kumwe n’abahungu biwe, aramupfukamira, amusaba ijambo.


Abāri mu bgato baramupfukamira, bati N’ukuri ur’ Umwana w’Imana.


Kandi nta bitangaza vyinshi yahakoreye, kubg’ ukutizera kwabo.


Akibabgira ivyo, haza umukuru w’isinagogi aramupfukamira, at’ Umwana wanje w’umukobga aradēndūtse, n’uze se, umurambikekw ikiganza, asubire abe muzima.


Hanyuma Uhoraho atēza umwami imibembe, arinda atanga akir’ umunyamibembe, aba mu nzu ya wenyene; maze Yotamu umwana wiwe ni we yagaba ivyo mu rugo, agacira abantu bo mu gihugu imanza.


None rer’ imibembe ya Namani izokwōmako no ku ruvyaro rwawe kugeza ibihe vyose. Maze Gehazi ava imbere yiwe ajejeta imibembe, yera nka shelegi.


Ca gicu kiva hejuru y’ihema, kiragenda; Miriyamu aca asēsakw imibembe, yera nka shelegi; Aroni amukubisekw amaso, asanga yashēshekw imibembe.


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


Maze Yesu ahwana na bo, ati N’amahoro. Baramwēgēra, bamufata ku birenge, baramusenga.


Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni. Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi.


at’ Ivyo vyose ndabiguha, ni wampfukamira, ukansenga.


Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe; bikubita hasi, baramupfukamira, barumūra ibisimbo vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu n’imibavu n’isenga.


Namani, umugabisha w’ingabo z’umwami w’i Siriya, yar’ atonnye kuri shebuja, kandi yar’ umunyacubahiro, kukw ari we Uhoraho yaha inganji yatuma Abasiriya banesha; yar’ umuhizi w’inkomezi, ariko yar’ umunyamibembe.


Kandi nanje naho nd’umwami yimikishijwe amavuta, arik’ ubu nsigaye ncitse urudendevu. Kand’ abo bagabo, abahungu ba Seruwiya, n’abantu badashoboka, barannaniye. Uhoraho n’asubirize umunyakibi mu nkōko nk’ukw ibibi vyiwe bingana.


Amanutse uwo musozi, ishengero ryinshi riramukurikira.


Baraza baramukangura, bati Mugenzi, dukize, turapfuye.


Petero at’ Oyaye, Mwami, kuko ntigeze ndya ikizira cank’ igihumanya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite