Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Amaze imisi mirongwine n’amajoro mirongwine yisonzesheje, abona gusonza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Amaze gusenga yisonzesheje imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine, yumva arashonje.

Gade chapit la Kopi




Matayo 4:2
14 Referans Kwoze  

Nikubita hasi imbere y’Uhoraho nk’ubga mbere, mmara imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ata co ntamira, ata n’amazi nnywa, mbitewe n’ico caha gikomeye mwakoze, co gukora ico Uhoraho abona kw ari kibi, mukamuratsa.


Nukw aravyuka, ararya, aranywa; izo ndya azigendera imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ashika i Horebu ku musozi w’Imana.


Amara imisi mirongwine n’amajoro mirongwine ari kumwe n’Uhoraho aho hantu, ata co kurya atamira, ata n’amazi anywa. Uhoraho yandika kuri vya bisate amajambo y’isezerano, ni yo vya vyagezwe, ukw ar’ icumi.


ageragezwa n’Umurwanizi. Kandi mur’ iyo misi nta co yariye; ishize arasonza.


Nari nadūganywe uwo musozi no guhabga vya bisate vy’amabuye, ari vyo vyarikw isezerano Uhoraho yasezeranye namwe, nca mmara kur’ uwo musozi imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ata co ntamira, ata n’amazi nnywa.


Nuko mmara iyo misi ukw ari mirongwine n’amajoro mirongwine nubamye imbere y’Uhoraho, kuk’ Uhoraho yar’ avuze kw azobarandura.


Nuko Mose adwēbēra hagati mur’ ico gipfungu, adūga kur’ uwo musozi; awumarakw imisi mirongwine n’amajoro mirongwine.


kand’ aho hār’ iriba rya Yakobo. Yesu ananijwe n’urugendo apfa kwicara kw iriba, hāri nk’isaha zitandatu.


Bukeye bamaze kuva i Betaniya, yumva arashonje.


Ati Nzobahagurukiriza ūvugishwa nanje ava mu b’i wabo, ameze nkawe; ati Nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe, na we azobabarira ivyo ndamugeze vyose.


Kare mu gatondo arikw arasubira mu gisagara, yumva arashonje.


Nari nshonje, murangaburira, nari mfise inyota, mumpa ico nnywa; nar’ ingenzi, mumpa indāro;


Nari nshonje, ntimwangaburira; nari mfise inyota ntimwampa ico nnywa;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite