Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Buno Yesu adūganwa na Mpwemu mu bugaragwa ngw ageragezwe n’Umurwanizi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hanyuma Yesu aca ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa kugira ngo ageragezwe na Satani.

Gade chapit la Kopi




Matayo 4:1
18 Referans Kwoze  

Kuk’ ubgiwe ko yababajwe no kugeragezwa, ashobora no gutabara abageragezwa.


Abarōngōrwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana.


Mpwemu aranterura, anshikana mu nyubakwa; ngize ntya, mbona ubgiza bg’Uhoraho bguzuye ingoro.


Sinkivugana namwe vyinshi, kuk’ umwami w’isi ari mu kuza, yamara muri jewe nta kintu ahafise;


Nuko Mpwemu aranterura, aranjana; ngenda nshavuye, nitonganya; arik’ ukuboko kw’Uhoraho kwari kunshikamiye.


Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Umwami Imana ajana Filipo, inkone ntiyasubira kumubona, kuko yashishikaye kugenda inezerewe.


Maze Mpwemu aranterura, numva inyuma yanje ijwi rihinda cane, rivuga, ng’ Ubgiza bg’ Uhoraho bushemagirizwe ahantu hiwe.


Mur’ ukwo kwerekwa n’Imana, mbona anjanye mu gihugu c’i Bgisirayeli, antereka ku musozi muremure cane, urikw icubatswe nk’igisagara aherekeye i bumanuko.


Ariko ni namara gutandukana nawe, Mpwemu w’Uhoraho ahava akujana ahandi ntazi; nuko ni naja kubibgira Ahabu, akaza ntakubone, aranyica. Yamara jewe umusavyi wawe nahereye mu buto bganje nubaha Uhoraho.


Baramubarira, bati Twebge abasavyi bawe turi kumwe n’ abantu b’inkomezi mirongwitanu; nuko turakwinginze, reka bagende baje kurondera shobuja; kumbure Mpwemu w’Uhoraho yoba yamuteruye, akamuterera ku musozi muremure, canke mu mwonga. Aravuga, at’ Oya, ntimubarungike.


Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.


Maze Mpwemu aranterura, mbona ansubiza i Bukaludaya ku bajanywe ar’ inyagano, ndi mur’ ukwo kwerekwa neretswe na Mpwemu w’Imana. Maz’ ukwo kwerekwa nabonye guca kumvako.


Maze Mpwemu yongera kunterura, anjana ku kirimba c’i burasirazuba co ku ngoro y’ Uhoraho kirābana n’i burasirazuba: mbona abantu mirongwibiri na batanu bari ku rugi rwo ku kirimba; kandi hagati muri bo mbona Yazaniya mwene Azuri, na Pelatiya mwene Benaya, abaganwa b’iryo hanga.


Maz’ aramvura igisa n’ukuboko, afata umushatsi wo ku mutwe wanje; maze Mpwemu aranterura, ancisha hagati y’ ijuru n’isi mur’ ukwo kwerekwa n’Imana, mbona anjana i Yerusalemu, anshikana ku rugi rw’ikirimba c’inyubakwa kirābana n’i burārūko, ahār’ intebe y’igishushanyo c’ikēba, gikēba Imana.


Arik’ umuntu wese ageragezwa, iy’ akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite