Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 26:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maz’ abaherezi bakuru n’abakuru b’ubgo bgoko bakoranira mu rugo rw’umuherezi mukuru yitwa Kayafa,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Uwo mwanya, abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda, bakoranira mu rugo rw’umuherezi mukuru Kayafa,

Gade chapit la Kopi




Matayo 26:3
23 Referans Kwoze  

Nuko Anasi amurungika aboshwe kwa Kayafa umuherezi mukuru.


Petero amuja inyuma barenga arenguka, ashika imbere mu rugo rw’umuherezi mukuru; yicarana n’abagendanyi yota umuriro.


Bakūra Yesu kwa Kayafa, bamujana mw iboma: hāri mu mutwenzi. Arik’ ubgabo ntibinjira mw iboma, ngo boye kwihumanya, kugira ngo babone ingene barya Pasika.


Kand’ abaherezi bakuru n’Abafarisayo bāri bashinze ng’ uwomenya ah’ ari aharange, ngo bamufate.


Ariko ni mutanyumvira ngo muziririze umusi w’isabato, ngo mwoye kugira ico mwiremēka mugicana mu birimba vy’i Yerusalemu ku musi w’isabato, nuko nzodomeka umuriro mu birimba vyaho, uzotongora ingoro z’i Yerusalemu, kandi ntibazoruha bawuzimya.


Ariko nari mmeze nk’umwagazi w’intama w’ikirīga ujanwa kubāgwa; sinari nzi yuko bampigiye imihigo, bat’ Enda turandurane igiti n’ivyo camye, tumukūre mw isi y’abakiriho, kugira ngw izina ryiwe ntiribe ricibukwa ukundi.


Barakorana, bakinyegeza, Bakagenza ibirenge vyanje, Kuko babundiye ubugingo bganje.


na Anasi na Kayafa ar’ abaherezi bakuru, mur’ uwo mwaka ijambo ry’Imana rishika kuri Yohana mwene Zakariya, ari mu bugaragwa.


Ariko Petero yari yicaye hanze mu rugo. Incoreke iza ah’ ari, iti Nawe nyene mwari kumwe na Yesu Umunyagalilaya.


Maz’ abasoda b’ico cēgēra ca Kayisari bajana Yesu mw iboma, bateraniriza ingabo zose kuri we.


Petero akiri mu rugo ahahera hepfo, haza umwe mu ncoreke z’umuherezi mukuru,


Maz’ abasoda bamujana imbere mu rugo, ari rwo boma, bahamagara ingabo zose, ziraterana.


Bacanye umuriro mu rugo hagati, bicaye hamwe, Petero yicara hagati muri bo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite