Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 barabaza, bat’ Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twābonye inyenyeri yiwe, tur’ i burasirazuba, none tukaba tuzanywe no kumushengerera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Barabaza bati: “Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Twabonye inyenyeri yiwe mu buseruko none tuzanywe no kumusenga.”

Gade chapit la Kopi




Matayo 2:2
28 Referans Kwoze  

Ati Ndamubona, ariko s’ubu nyene; Ndamwitegereza, ariko ntari hafi. Inyenyeri izokomōka muri Yakobo, Icumu ry’ubugabe rizosokoroka muri Isirayeli, Ritobekeranye aba Mowabu mu mvuridahita, Rimene umutwe aba Sheti bose.


Rāba imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzonagisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi, kand’ azoganza nk’ umwami, agire ikiganza ciza, ace iziroranye n’izibereye mu gihugu.


Jewe Yesu ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebge ivyo, kubg’ amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, nd’ umwuzukuruza wiwe, kandi nd’ ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Amahanga azoza ku muco wawe, n’abami bazoza ku gukayangana kwawe.


Nuko Pilato aramubaza, at’ Ubgo wewe ur’ umwami? Yesu ati Ni wewe uvyivugiye ko nd’ umwami. Iki ni co navukiye, kand’ iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ ukuri wese yumva ijwi ryanje.


Kand’ ah’ izokwongera kuzana imfura yayo mw isi, it’ Abamarayika b’Imana bose bamusenge.


Hejuru yiwe kandi hār’ icandiko canditswe, ng’ UYU N’UMWAMI W’ABAYUDA.


Pilato aramubaza, ati Ni wewe Mwami w’Abayuda? Na we aramwishura, at’ Urarivuze.


Ati Ni jewe niyimikiye umwami wanje Kuri Siyoni, umurwa wanje wera.


ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se; ūtubaha Umwana ntaba yubaha Se yamutumye.


Natanayeli na we aramwishura, ati Mwigisha, ur’ Umwana w’Imana, ni wewe Mwami w’Abisirayeli.


bati Hashemezwe Umwami, aje mw izina ry’Uhoraho, Amahoro abe mw ijuru, Icubahiro kibe ahasumba ijuru.


Uyu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo Umwami.


ariko bazosaba jewe, Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo, uwo nzobahagurukiriza.


Ni co kizotuma umwami agomwa igikundiro cawe, Kukw ari we Mwami wawe, nawe umwunamire.


Na we ati Ndizeye, Mwami. Araheza aramupfukamira.


Pilato yandika icandiko, agishira ku musaraba; canditswe ngo YESU UMUNYANAZARETI UMWAMI W’ABAYUDA.


bābīra amashami y’ibigazi, baja kumusanganira, barasemerera, bati Hoziyana: hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, ni we Mwami w’Abisirayeli.


Ariko Yesu yar’ ahagaze mu maso ya ca cēgēra ca Kayisari; ico cēgēra kiramubaza, kiti Ni wewe Mwami w’Abayuda? Yesu aramwishura, at’ Urarivuze.


Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.


ngo Mubgire umukobga w’i Siyoni, Muti Rāba, Umwami wawe aje kuri wewe, Ar’ umutekerezi, agendera ku ndogoba, Mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Umwami Herode avyumvise, ahagarikana umutima n’ab’i Yerusalemu bose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite