Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 10:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 na Filipo na Barutolomayo na Toma na Matayo umutozakori, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 hanyuma hakaza Filipo na Baruteremi; hagasubira Toma na Matayo umutozakori; Yakobo mwene Alufayo, na Tadeyo;

Gade chapit la Kopi




Matayo 10:3
30 Referans Kwoze  

Bashitseyo, barūrira baja mu nzu yo hejuru, aho bāri basembereye, ari Petero, na Yohana, na Yakobo, na Andereya, na Filipo, na Toma, na Barutolomayo, na Matayo, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni Zelote, na Yuda mwene Yakobo.


atoranya na Andereya, na Filipo, na Barutolomayo, na Matayo, na Toma, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo, na Simoni Umunyakananayo,


Nukw arikw aragenda abona Lewi mwene Alufayo, yicaye aho yatoreza ikibuguro, aramubarira, ati Nkurikira. Ava hasi, aramukurikira.


Yesu ahavuye, abona umuntu yitwa Matayo, yicaye aho yatoreza ikibuguro. Aramubarira, ati Nkurikira. Ava hasi, aramukurikira.


Simoni Petero na Toma ari we Hasa bāri kumwe na Natanayeli w’i Kana i Galilaya, na bene Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri.


Toma ari we Hasa abgira abigishwa bagenzi biwe, ati Ngo tugende, dupfane na Yesu.


Yuda, umugurano wa Yesu Kristo, kandi mwene nyina wa Yakobo, ndabandikiye abahamagawe, bakundwa kuko muri mu Mana Data wa twese, mukazigamirwa Yesu Kristo.


Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.


Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge.


Ariko mu zindi ntumwa nta wundi nabonye, atari Yakobo, mwene nyina w’Umwami Yesu.


Bukeye bg’aho Paulo yinjirana natwe kwa Yakobo, abakuru bose ni ho bāri bari.


Arabamama, abīgānira uk’Umwami Imana yamukūye mw ibohero, arababgira, at’ Ivyo mubibarire Yakobo na bene Data bandi. Arahava, aja ahandi.


Ivyo bishize, arasohoka, abona umutozakori yitwa Lewi, yicaye aho yatoreza ikibuguro, aramubarira, ati Nkurikira.


Barangije kuvuga, Yakobo aravuga, ati Bagabo bene Data, ni munyumvirize.


Yuda (atari Isikaryota), aramubaza, ati Mugenzi, bibaye bite, k’ugira wihishurire twebge, ntiwihishurire ab’ isi?


Yesu aramubaza, ati Mbega ko nabanye namwe igihe kingana girtyo, nturakaruha ummenya ga Filipo? Ūbonye jewe aba abonye Data: non’ uvuga ute ngo Twereke So?


Muri bo hārimwo Mariya Magadalene na Mariya nyina wa Yakobo na Yose, na nyina wa bene Zebedayo.


N’atabumvira ubgire ishengero; ni yanka kwumvira ishengero na ryo, kuri wewe azoba nk’umunyamahanga n’umutozakori.


Hāriho n’abagore bāri kure babirāba, muri bo hārimwo Mariya Magadalene, na Mariya nyina wa Yakobo mutoya na Yose, hārimwo na Salome.


At’ Abantu babiri bādūze baja mu rusengero gusenga, umwe yar’ Umufarisayo, uwundi yar’ umutozakori.


Umufarisayo ahagaze asengera ku mutima wiwe, ati Mana, ndagushimye yuko ntameze nk’abandi bose, abanyazi, cank’ abagabitanya, cank’ abasambanyi, canke n’abameze nk’urya mutozakori.


Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngw arābe mw ijuru, arikw arishishitira, ati Mana, ngirira ikigongwe, nd’ umunyavyaha.


Hār’ umuntu yitwa Zakayo, yar’ umutozakori mukuru, kandi yar’ umutunzi.


Natanayeli aramubaza, ati Wammenyeye hehe? Yesu aramwishura, ati Filipo ataraguhamagara, aho wari musi y’umusukoni, nakubonye.


Toma aramubgira, ati Mugenzi, ntituzi iy’ uja, dushobora dute kumenya inzira?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite