Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Matayo 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Igitabo kidondora ukuvuka kwa Yesu Kristo, umwana wa Dawidi, Dawidi wa Aburahamu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Uru ni urukurikirane rwa ba sekuruza ba Yesu ari we Kristo, yakomotse kuri Dawidi wo mu ruvyaro rwa Aburahamu:

Gade chapit la Kopi




Matayo 1:1
39 Referans Kwoze  

kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye.


Nuko Aburahamu ni we yasezeraniwe amasezerano, bo n’uruvyaro rwiwe. Ntiyavuze, it’ Imvyaro; nk’ūvuga benshi: yamara yavuze nk’ūvuga umwe, iti N’uruvyaro rwawe; ni rwo Kristo.


buvuga ivy’ Umwana wayo, yavutse mu ruvyaro rwa Dawidi mu buryo bg’umubiri,


Jewe Yesu ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebge ivyo, kubg’ amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, nd’ umwuzukuruza wiwe, kandi nd’ ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu.


Uhoraho yarahiye Dawidi indahiro y’ukuri, Ntazokwirahuruza: Ati Nzoshira ku ngoma yawe uwamutse mu bura bgawe.


Rāba imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzonagisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi, kand’ azoganza nk’ umwami, agire ikiganza ciza, ace iziroranye n’izibereye mu gihugu.


Ku gishitsi ca Isayi hazobaduka agashami, kand’ umunago wanaze mu mizi yiwe uzokwama.


Mbeg’ icanditswe ntikivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi, i Betelehemu, wa musozi Dawidi yabako?


Abazoguhezagira nzobahezagira, kand’ ūzokuvuma nzomuvuma: kandi muri wewe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.


Nuko, kuko yar’ uwavugishwa n’Imana, akamenya kw Imana yamurahiye indahiro, kw izoshira ku ngoma yiwe uwamutse mu bura bgiwe,


Ukuvuka kwa Yesu Kristo kwabaye gurtya: nyina Mariya yar’ akowe na Yosefu ataramurongora bamubona afise inda yavuye kuri Mpwemu Yera.


Yakūweho no kugirirwa nabi no gutsindishwa; mu bo mu runganwe rwiwe ni nde yabishizek’ umutima ko yakūwe mw isi y’abakiriho? Ibicumuro vy’abantu banje ni vyo yakubitiwe.


bafise ba sogokuruza ba bandi, kandi ku mubiri Kristo yamutse kuri bo, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amen.


Kukw atari kubg’ ivyagezwe Aburahamu yasezeraniwe cank’ uruvyaro rwiwe, yukw azoragwa isi yose, ariko ni kubg’ ukugororoka kuva ku kwizera.


Umunyakananikazi ava mu ntāra yaho aratakamba, ati Ngirira imbabazi se Mugenzi, Mwana wa Dawidi: umukobga wanje afashwe nabi na dayimoni.


Yesu avayo, akirikw aragenda impumyi zibiri ziramukurikira zisemerera, ziti Tugirire imbabazi, mwana wa Dawidi.


nuko rero nzoca n’uruvyaro rwa Yakobo, n’urwa Dawidi umusavyi wanje, ngo noye gutora mu ruvyaro rwiwe abo kuganza uruvyaro rwa Aburahamu na Isaka na Yakobo; kuko nzotuma bahindukira bakava mu kinyago, kandi nzobagirira imbabazi.


Aya ni yo mamo y’ijuru n’isi igihe vyaremwa, umusi Uhoraho Imana yaremeyekw isi n’ijuru.


Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako.


Kur’ uwo musi Uhoraho azokīranira ababa i Yerusalemu; umunyantege nke wo muri bo kur’ uwo musi azomera nka Dawidi; kand’ inzu ya Dawidi izomera nk’Imana, nk’ umumarayika w’Uhoraho ar’ imbere yabo.


Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;


Iki n’igitabo kidōndōra uruvyaro rwa Adamu. Ku musi Imana yaremeyek’ umuntu, mw ishusho yayo ni ho yamuremye;


Uruvyaro rwiwe ruzoramba gushitsa ibihe bidashira, Ingoma yiwe izohoraho nk’ izuba imbere yanje.


Nasezeranye isezerano n’uwo natoranije, Narahiye Dawidi umusavyi wanje,


Aburahamu yavyaye Isaka, Isaka yavyaye Yakobo, Yakobo yavyaye Yuda n’abandi bavukana,


ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo.


Kuko har’ Imana imwe, kandi har’ Umuhūza umwe w’Imana n’abantu, na we nyene n’umuntu, ni Kristo Yesu,


Wame wibuka Yesu Kristo, yazutse mu bapfuye, yakomotse mu ruvyaro rwa Dawidi, nk’uk’ ubutumwa nahawe buvuga:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite