Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Maz’ umwami Herode, yumvise ivyābaye vyose, arazazanirwa, kuko bamwe bāvuga, bati Yohana yazutse mu bapfuye;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Herode Antipa avyumvise arazazanirwa, kuko hariho abavuga ngo Yohana Umubatizi yazutse mu bapfuye,

Gade chapit la Kopi




Luka 9:7
13 Referans Kwoze  

Baramwishura, bati Bagira ng’ uri Yohana Umubatizi; abandi ng’ uri Eliya; abandi ng’ ur’ umwe mu bāvugishwa n’Imana ba kera yazutse.


Mu mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma, Pontiyo Pilato ar’ icēgēra ciwe i Yudaya, Herode na we ar’ umwami w’i Galilaya, na Filipo mwene se ar’ umwami w’igihugu co muri Ituraya n’i Tirakoniti, na Lusaniya ar’ umwami w’i Abilene,


Ūrusha abandi kumera neza ameze nk’umukere, kand’ ūbaye ūrusha abandi kugororoka n’insobane kurusha uruzitiro rw’amahwa: umusi wavuzwe n’abashibamyi bawe urashitse, ari wo wo guhanwa kwawe; kandi muzogwa mu gahundwe.


kukw ar’ umusi w’ubgihebure n’ugusiribangwa n’ukuzazanirwa, uvuye ku Mwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mu kiyaya co kwerekwa; hariho gusangangura inzitiro z’amabuye, n’ amaruru ashika ku misozi miremire.


Erega bārahonnye mu kanya gato! Ubgoba bg’uburyo bginshi burabamaze.


Kandi hazoba ibimenyetso ku zuba no ku kwezi no ku nyenyeri, kandi no mw isi hazoba imibabaro mu mahanga, bazotegekanishwa n’ukubomborana kw’ikiyaga n’imipfunda;


Ariko Yohana ari mu nzu y’imbohe, yumva ivyo Kristo akora, atuma abigishwa biwe kumubaza,


Baramwishura, bati Bagira ng’ uri Yohana Umubatizi, abandi ng’ uri Eliya, abandi ng’ ur’ umwe mu bavugishwa n’Imana.


Uwo mwanya haza Abafarisayo bamwe, baramubarira, bati Va hano ugende, kuko Herode agomba kukwica.


Amenye yukw ar’ uwo mu gihugu ca Herode, amurungika kwa Herode, kuko na we yar’ i Yerusalemu mur’ iyo misi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite