Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:51 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

51 Maz’ imisi yiwe yo kudūzwa mw ijuru igira ishike, yerekeza i Yerusalemu amaramaje kujayo,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

51 Igihe ciwe co kuduzwa mw’ijuru cegereje, Yesu afata ingingo yo kuja i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi




Luka 9:51
29 Referans Kwoze  

Kand’ Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, adūzwa mw ijuru, avyagira i buryo bg’Imana.


Yihererana bamwe cumi na babiri, arababgira, at’ Ehe turadūze i Yerusalemu, kand’ ivyanditswe n’abāvugishwa n’Imana vyose bizoshika ku Mwana w’umuntu.


Ari mu nzira, ahita mu bisagara no mu mihana, yigisha, ari ku rugendo aja i Yerusalemu.


Maze bari mu nzira baja i Yerusalemu, aca hagati y’i Samariya n’i Galilaya.


ar’i buryo bg’Imana, kuko yagiye mw ijuru, amaze guhabga gutwara abamarayika n’abanyabubasha n’abanyabushobozi.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


aho Yesu yatwinjiriye, atwitangiye imbere, amaze guhinduka umuherezi mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bga Melekisedeki.


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


ukwo yakoreye muri Kristo, hamwe yamuzura mu bapfuye, ikamuvyagiza i buryo bgayo ahantu ho mw ijuru,


Amaze kuvuga artyo, adūzwa babona, igicu kimukūra mu maso yabo.


gushitsa ku musi yadūgijwe mw ijuru, ahejeje kugerera intumwa muri Mpwemu Yera, zimwe yatoranije.


Sinkiri mw isi, ariko bo bari mw isi, nanje ndaje kuri wewe. Data wera, ubazigamire mw izina ryawe wampaye, ngo babe umwe nk’uko natwe turi.


Navuye kwa Data, nza mw isi; ikindi, isi ndiko ndayivamwo, nje kwa Data.


None ngira ngende ku wantumye, kandi nta n’umwe muri mwebge arushe ambaza at’ Uja hehe?


Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.


None bizomera bite ni mwabona Umwana w’umuntu adūga aja iyo yahora ubga mbere?


Akibahezagira, atandukanywa na bo, adūzwa mw ijuru.


Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aja imbere, adūga aja i Yerusalemu.


Bakiriko barumva ivyo, avyongerak’ umugani, kuko yari hafi y’i Yerusalemu, kandi kuko biyumvira yuk’ ubgami bg’Imana bugira buboneke uwo mwanya;


Ndi n’umubatizo, uwo nkwiye kubatizwa; emwe uko mbabazwa kugeza ah’ uzoherera!


Hanyuma bakiriko baragenda bayāga, bagize bartya, umukogote w’umuriro n’amafarasi y’umuriro birabatandukanya; Eliya adūganwa mw ijuru n’agashururu.


mbandaniriza gushika aho dutanguranirwa, ku mpēra y’umuhamagaro w’Imana muri Kristo Yesu wo kuja mw ijuru.


Bariko baragenda mu nzira, umuntu aramubgira, ati Ndagukurikira ah’ uja hose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite