Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Abazokwanka bose kubākīra, mukiva mur’ ico gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Aho batazobakira, muzokunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kugira ngo bizobabere icagiriji.”

Gade chapit la Kopi




Luka 9:5
13 Referans Kwoze  

Na bo babihāririje barogose, akunkumura impuzu ziwe, arababarira, at’ Amaraso yanyu araba ari mwebge akora! Jeho ndacuna; guhēra ubu ndaja ku banyamahanga.


Na bo babakunkumurira umukungugu wo mu birenge vyabo, baja muri Ikoniyo.


Ahantu hose aho bazokwanka kubākīra ntibabumve, mukivayo muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona.


Ūbumviye ni jewe aba yumviye; ūbanse, ni jewe aba yanse; ūnyanse, aba yanse uwantumye.


arababgira, at’ Ūzokwākīra aka kana mw izina ryanje, azoba anyakiriye; kand’ ūnyakīra aba yākiriye uwantumye: kuk’ umuto muri mwebge hanyuma ya mwese ari we mukuru.


Maze nkunkumura umutamana wanje, nt’ Umuntu wese atazoshitsa iri jambo, Imana iz’ imukunkumure mu nzu yiwe no mu vyiwe; az’ abe ari kw akunkumurwa, asigare agaragara. Nukw ikoraniro ryose riremera, riti Amen; baraheza bahimbaza Uhoraho. Nukw abantu bagumya iryo sezerano.


at’ Ūzokwākīra umwe mu twana nk’aka mw izina ryanje, azoba anyakiriye; kand’ ūnyakīra, si jewe yākīra, ariko yākīra uwantumye.


Aramwihanikiriza, ngo ntagire umuntu abibarira, at’ Ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivy’ uguhumanurwa kwawe, nk’uko Mose yabgirije, bibe ikimenyetso kibabere icabona.


Bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampōra, muzoba ikimenyetso kibabere icabona, bo n’abanyamahanga.


Kand’ inzu yose muzokwinjiramwo, abe ari yo mugumamwo, kugeza aho muzovira aho hantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite