Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 ati Mushire aya majambo mu matwi yanyu: Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

44 “Nimunyumvirize neza kandi mushire umutima ku vyo ngira ndababwire: Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu.”

Gade chapit la Kopi




Luka 9:44
26 Referans Kwoze  

uwo muntu amaze gutangwa nk’ukw Imana yabigabiye yikomvomvoye, ibimenye bitaribgabe, mumubambisha amaboko y’abagarariji, muramwica.


at’ Umwana w’umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bginshi, no kuzokwankwa n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.


Ni co gituma dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twumvise, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabivako.


Ariko Mariya abīka ayo majambo yose, ayiyumvira mu mutima wiwe.


Yesu aramwishura, ati Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.


Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngw igihe cavyo ni cashika, muze muvyibuke ko nanje nabibabgiye. Uhereye ubga mbere sinaribgabibabgire, kuko nari nkiri kumwe namwe.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Yihererana bamwe cumi na babiri, arababgira, at’ Ehe turadūze i Yerusalemu, kand’ ivyanditswe n’abāvugishwa n’Imana vyose bizoshika ku Mwana w’umuntu.


Amanukana na bo, aja i Nazareti, yama abumvira. Nyina abīka ayo majambo yose mu mutima wiwe.


Abavyumvise bose babishira mu mitima yabo, bati Mbe non’ uyo mwana azoba umuntu ki? Kuk’ ukuboko kw’Umwami Imana kwari kumwe na we.


Kuko yigisha abigishwa biwe, at’ Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu, bazomwica, hashize imisi itatu bamwishe, azozuka.


Atangura kubigisha, at’ Umwana w’umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bginshi, no kuzokwankwa n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, maze hashize imisi itatu akazuka.


ati Murazi yukw imisi ibiri ni yashira, hazoba Pasika, kand’ Umwana w’umuntu azotangwa abambge.


Kuva ubgo Yesu atangura guserurira abigishwa biwe kw akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.


Dawidi yishura Gadi, ati Ndagowe rwose: ni dupfume dukorokera mu maboko y’Uhoraho, kukw imbabazi ziwe ari nyinshi; ariko noye gukorokera mu maboko y’abantu.


Yesu arabishura, ati Mbega noneho murizeye?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite