Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Arikw araza, dayimoni amutūra hasi, aramujegeza cane; Yesu akankamira iyo mpwemu ihumanye, akiza uwo muhungu, amusubiza se.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Bariko baramuzana, ya dayimoni imukubita hasi iramujegeza. Ariko Yesu akankamira iyo mpwemu ihumanye, akiza uwo muhungu, amusubiza se.

Gade chapit la Kopi




Luka 9:42
12 Referans Kwoze  

Uwari yapfuye aravyuka, aricara, atangura kuvuga; Yesu amuha nyina.


Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’ Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.


kandi har’ impwemu imufata, agatura akaborogo, ikamujegeza, akabimba ifuro, kand’ ihejeje kumukungagura ikagora cane kumuvamwo.


Baramuzana. Iyo mpwemu imubonye ica iramujegeza cane, aratemba, arigaragura, abimba ifuro.


Elisa ahamagara Gehazi, aramubarira, ati Hamagara uwo mugore w’Umunyashunemu. Nukw aramuhamagara. Ashitse, aramubarira, at’ Abīra umwana wawe.


Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maz’ ahamagara abera n’abapfakazi, amubaha ari muzima.


Maze Eliya yābīra uwo mwana, aramwururukana amukūye mur’ ico cumba co hejuru, aramwinjirana amuha nyina; Eliya aramubarira, at’ Eh’ umwana wawe ni muzima.


Yesu arishura, ati Yemwe ab’iki gihe mutizera b’ibidambidambi, nzogeza ryari kubana namwe no kubihanganira? Zana hano umwana wawe.


Bose batangazwa n’icubahiro gihambaye c’Imana. Ariko bose bagitangarira ivyo yakoze vyose, abarira abigishwa biwe,


Bamaze gusōza nka stadiyo mirongwibiri na zitanu canke mirongwitatu, babona Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, arikw arēgēra ubgato, na bo baratinya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite