Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Yesu arishura, ati Yemwe ab’iki gihe mutizera b’ibidambidambi, nzogeza ryari kubana namwe no kubihanganira? Zana hano umwana wawe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Yesu aravuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari ndabihanganira? Zana uwo muhungu wawe hano.”

Gade chapit la Kopi




Luka 9:41
31 Referans Kwoze  

Barayihemukiye, ntibakir’ abana bayo, ariko vyabateye agasembga: N’ab’ urunganwe rw’ibidambidambi bagoramye.


Maz’ abgira Toma, ati Zana hano urutoke rwawe, urābe ibiganza vyanje; zana n’urushi, urushire mu rubavu rwanje, nta co uba ūtizera, arik’ ube uwizeye.


Yesu aramubaza, ati Mbega ko nabanye namwe igihe kingana girtyo, nturakaruha ummenya ga Filipo? Ūbonye jewe aba abonye Data: non’ uvuga ute ngo Twereke So?


Arabishura, ati Yemwe ab’iki gihe mutizera, nzogeza ryari kubana namwe? Nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire.


Yesu arishura, ati Yemwe ab’ iki gihe mutizera b’ibidambidambi, nzogeza ryari kubana namwe; nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire hano.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


Nuko tugire umwete wo gushika mur’ ubgo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana.


Kuko natwe twabgiwe ubutumwa bgiza nka bo, ariko, ijambo bumvise ntiryābagiriye ikimazi, kuko ritāvanzwe n’ukwizera mu mitima y’abāryumvise.


Kandi tubona ko batāshoboye kubushikamwo, kuko batizeye.


Cank’ ukēngēra itunga ryo kugira neza kwayo n’iry’ imbabazi zayo n’iry’ ukwihangana kwayo? Ntuzi yuko kugira neza kw’Imana kugushikana ku kwihana?


Yihanganira ingeso zabo nk’imyaka mirongwine mu bugaragwa.


Kand’ ashingisha intahe ayandi majambo menshi, arabahanūra, ati Ni mwikize ab’ iki gihe kigoramye.


Arababaza, ati Mbeg’ ukwizera kwanyu kuri hehe? Baratinya baratangara, barabazanya, bati Mbeg’ uyu n’umuntu ki, kw abarira n’umuyaga n’amazi bikamwumvira?


Ab’ igihe kibi c’ubumaka barondera ikimenyetso, kandi nta kimenyetso bazohabga, atar’ ikimenyetso ca Yona. Abasigaho, arīgīra.


Arabishura, at’ Ab’ urunganwe rubi rw’ubumaka barondera ikimenyetso; kandi nta kimenyetso bazohabga, atar’ ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona.


Abonye benshi bo mu Bafarisayo no mu Basadukayo bazanywe no kugira ngw ababatize, arababaza, ati Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababūriye ngo muhunge uburake buzoza?


Ewe Yerusalemu, ni wuhagire umutima wawe ivyaha, kugira ng’ ukizwe. Uzogeza ryari kwama usembereza ivyiyumviro vyawe bibi mu mutima?


Boye kuba nka ba sekuruza, Rwa runganwe rw’ibigāba kandi rw’abagarariji, Urunganwe rw’abatitunganiriza imitima, Imitima yabo itayoboka Imana.


Maze Elisa wa muntu w’Imana yumvise k’umwami w’Abisirayeli yitantamuriyekw impuzu ziwe, amutumako, uti N’iki gitumye witantamurirakw impuzu zawe? N’aze i wanje, aramenya yuko mu Bisirayeli harih’ ūvugishwa n’ Imana.


ati Nzogeza hehe kwihanganira iri shengero rimeze nabi, rihora riranyidodombera? Numvise imyidodombo y’Abisirayeli banyidodombera.


Uhoraho abarira Mose, at’ Aba bantu bazogeza hehe kunkēngēra? Bazogeza hehe kutanyizera, naho nakoreye ibitangaza bingaho hagati muri bo?


Uhoraho abaza Mose, ati Muzogeza hehe kwanka kwitondera ivyagezwe vyanje n’amabgirizwa yanje?


Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubgira, bat’ Uku ni k’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize, ng’ Uzogeza ryari kwanka kwicisha bugufi imbere yiwe? Ngo Reka abantu biwe, bagende bamusabe.


Yesu arahagarara, arababarira, ati Ni mumuhamagare. Bahamagara iyo mpumyi, barayibgira, bati Hūmura, va hasi, araguhamagaye.


Maze Yesu abibonye, araraka, arababarira, ati Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze: kuk’ ubgami bg’Imana ar’ ubg’ abameze bartyo.


Ndababgire ukuri: Ivyo vyose bizoshika ku b’iki gihe.


Igaca igenda, ikazana izindi mpwemu ndwi ziyirusha ububi, zikinjira, zikahaba. Ivya nyuma vy’uwo muntu bikarusha ivya mbere ububi. Ni ko bizoba no ku b’iki gihe kibi.


Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura;


Nanje ninginze abigishwa bawe kuyisenda, irabananira.


Arikw araza, dayimoni amutūra hasi, aramujegeza cane; Yesu akankamira iyo mpwemu ihumanye, akiza uwo muhungu, amusubiza se.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite