Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 at’ Umwana w’umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bginshi, no kuzokwankwa n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Aca ababwira ati: “Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi, akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe. Kandi azokwicwa hanyuma azuke ku musi ugira gatatu.”

Gade chapit la Kopi




Luka 9:22
24 Referans Kwoze  

at’ Umwana w’umuntu akwiye gushirwa mu maboko y’abanyavyaha, no kubambga, no kuzuka ku musi ugira gatatu.


ati Mushire aya majambo mu matwi yanyu: Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu.


basesa igihe ic’ ari co n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yātagura ivy’ imibabaro ya Kristo bitaribgabe, n’ivy’ ubgiza bg’uburyo bginshi bgagira buze buyiherukire.


Kuko yigisha abigishwa biwe, at’ Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu, bazomwica, hashize imisi itatu bamwishe, azozuka.


Atangura kubigisha, at’ Umwana w’umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bginshi, no kuzokwankwa n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, maze hashize imisi itatu akazuka.


Ariko ndababgira yuko Eliya yamaze kuza, yamara ntibāmumenye, ariko bamwigiriye uko bagomba kwose. Uko ni ko n’Umwana w’umuntu agira ababazwe na bo.


agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw ivyanditswe bivuga;


Mbega Kristo ntiyar’ akwiye kubabazwa artyo ngw abone kuja mu bgiza bgiwe?


Bakigendagenda i Galilaya, Yesu arababgira, at’ Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu,


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


Maz’ ayo mayinga ukw ari mirongwitandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokūrwaho, kandi nta wuzomusubirira mu gishingo. Maze segaba wundi azoza, abantu biwe bazosangangura igisagara n’ahantu hēra; arikw iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’ intambara zizorinda zishitsa no kw iherezo; ubugesera bgashinzwe ko buzotera.


Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.


baramubgira, bati Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagize ngw imisi itatu ishize azozuka.


Arikw akwiye kuzobanza kubabazwa uburyo bginshi no kwankwa n’ab’ iki gihe.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite