Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 9:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira, arabimanyagura, abiha abigishwa ngo babishire imbere y’abantu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Aca afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma arabimanyagura, abihereza abigishwa ngo bagaburire abantu.

Gade chapit la Kopi




Luka 9:16
16 Referans Kwoze  

Abgira abantu kwicara hasi ku vyatsi, yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira; amanyagura ya mitsima, ayiha abigishwa, abigishwa bagaburira ishengero.


Yicaye ngw asangire na bo, yābīra umutsima, arawuhezagira, arawumanyagura, arawubaha.


Yābīra ya mitsima ndwi na za fi, arabishimira, arabimanyagura, abihereza abigishwa biwe, babigaburira ishengero.


Uwiyumvira umusi awiyumvira kubg’ Umwami wacu; ūrya inyama azirya kubg’ Umwami, kukw ashima Imana; kand’ ūtazirya, yanka kuzirya kubg’ Umwami, na we ashima Imana.


Amaze kuvuga ivyo, yābīra umutsima, ashimira Imana imbere yabo bose, arawumanyagura, atangura kurya.


(mugabo hār’ amato ajabuka ava i Tiberiya, afata hafi ya ha hantu bārīriye imitsima ihezagiwe n’Umwami Yesu).


Maze Yesu yābīra ya mitsima, arayihezagira, ayigaburira abicaye, n’ifi na zo nk’uko bagomba.


Yābīra umutsima, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubaha, arababgira, at’ Uyu n’umubiri wanje ubatangiwe: murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje.


akawushimira Imana, akawumanyagura, akavuga, at’ Uyu n’umubiri wanje ubatangiwe, murahora mugira murtya kugira ngo kibe icibutso canje.


Ko ndya mbishimiye, n’iki gituma ntukirwa ivyo nshimiye?


Ararangamiza, arāba mw ijuru, yitsa umutima, arakibarira, ati Efata, risobanurwa ngo Zibūka.


Ni mwashika mu gisagara muca mumubona ataradūga ku mpinga y’umusozi kurīrayo; kukw abantu badashobora kurya ataraza, kukw ari we ahezagira ibimazi, maz’ abātowe bakabona kurya. Nuko rero ni mudūge: muca mumubona aka kanya.


Babigira bartyo, barabīcarika bose.


Bararya, barahāga bose, batororokanya utumanyagu tw’ imisigazwa, twuzura ibisimbo cumi na bibiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite