53 Baramutwenga bamushinyagurira, kuko bari bazi ko yapfuye.
53 Na bo baramutwenga, kuko bari bazi neza ko umwana yapfuye.
Abafarisayo, bār’ abakunzi b’ubutunzi, bumvise ivyo vyose, baramutwenga cane.
Yarakēngērwa, agahurwa n’abantu; yar’ umunyamibabaro, yar’ azi intimba ic’ ari co; yakēngērwa nk’umuntu abandi bahisha mu maso habo, natwe nta co twamwibajijeko.
Yesu aravuga, ati Ni mukūreh’ iryo buye. Marita mushiki w’uwapfuye, aramubgira, ati Mugenzi, ereg’ ubu aramaze kunuka, kw amaze imisi ine.
Abambona bose bantwengera mw ijigo: Bampa ibinoko, banzunguriza imitwe,
Ereg’ abacokoranyi barankikije, Ijisho ryanje nta kindi ribona atar’ akavyongo kabo.
Mpindutse nk’agatwengo kuri bagenzi banje: Nahora ntabaza Imana, ikantabara, Nd’ umugororotsi, nd’ umuntu atunganye, none mpindutse agatwengo.
arababgira, ati Ni muhave, kuk’ umukobga atāhwereye, arikw arasinziriye. Baramutwenga bamushinyagurira.
Asanga bamuririra bose, bīshishitira. Arababarira, ati Nta co murira, ntahwereye, arikw arasinziriye.
Amufata ukuboko, avuga n’ijwi rirenga, ati Mukobga, vyuka.