Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:47 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Wa mugore abonye yukw atayoberanye, aza ahinda agashitsi, amwikubita imbere, amubgirira mu maso y’abantu bose icatumye amukorako, n’ukw akize uwo mwanya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Wa mugore abonye atagishoboye kwinyegeza, aca aza ajugumira, yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu, aca amubwirira imbere ya bose icatumye amukorako, kandi ko yaciye akira ako kanya nyene.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:47
18 Referans Kwoze  

Uwo mugore aratinya, ahinda agashitsi, kukw azi ikimubayeko, araza amwikubita imbere, amubarira ivy’ ukuri vyose.


Kand’ umutima wiwe urushiriza kubagirira igishika, uko yibutse ingene mwanyumviye mwese, n’ingene mwamwākiriye mutinya, muhinda agashitsi.


Ni co gituma, kuko twākīra ubgami budashobora kunyiganyizwa, dukwiye gukenguruka, kugira ngo tubone ingene dukorera Imana tuyihimbaye, tuyubaha tuyitinya:


Ariko nabana namwe mfise intege nke, ndi n’ubgoba, mpinda agashitsi kenshi,


Musabe Uhoraho mwubashe, Munezeranwe guhinda agashitsi.


Ahamagaza imuri, yitera mu nzu, ari mu gatengo k’ubgoba, yikubita imbere ya Paulo na Sila,


Nuko Samweli agenza nk’uk’ Uhoraho yamubgiye, aja i Betelehemu. Ashitseyo, abakuru b’igisagara baza kumusanganira, bahinda agashitsi. Baramubaza, bati Mbeg’ ugenzwa n’amahoro?


Ndavyumvise, amara yanje aradobangana, Iminwa yanje iradegezwa kubg’ iryo iwi; Ikimungu cinjira mu magufa yanje, mpindira agashitsi aho ndi; Nkwiye guhangana n’umusi w’amagorwa nduhutse, Igihe abansi bazotēza ubgoko bgacu ibitero.


Kukw ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabaho vyose, ni k’ Uhoraho agize; arik’ umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ ijambo ryanje, uwo ni we nzohozakw ijisho.


Mwami, ivyo nifuza vyose bir’ imbere yawe, Umuniho wanje ntuwunyegejwe.


Nuko rer’ abo nkunda, nk’uko mwamye muganduka abe ari ko mushitsa agakiza kanyu, mutinya muhinda agashitsi, yamara s’iyo ndiho gusa, ariko n’ubu nyene naho ntar’ iyo ni murushirize.


Bava ku mva n’ingoga, bari n’ubgoba n’akanyamuneza kenshi, birukanga kubibgira abigishwa biwe.


Efurayimu iy’ avuze hose, hāba guhinda agashitsi; yigize agahambaye mu Bisirayeli; arikw igihe yacumuye kubga Bayali, yaciye apfa.


Efurayimu ndamuzi, kandi Isirayeli na we ntanyihishije: erega wakoze ivy’ ubusambanyi, ewe Efurayimu, Isirayeli na we yarihumanije.


Yemwe abubaha Imana mwese, ni muze mwumve, Nanje mvuge ivyo yagiriye ubugingo bganje.


Yesu aramubgira, ati Har’ ūnkozeko, kuko numvise ubushobozi bumvuyemwo.


Aramubgira, ati Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite