Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Umugore arwaye ubutinyanka, yar’ abimaranye imyaka cumi n’ibiri, yamariye utwiwe twose ku bavūzi adutangamw’ ingemu, ntihāgira ūshobora kumukiza,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

43 Hariho umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso, vyaranse ko akira.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:43
22 Referans Kwoze  

Non’ uyu, ar’ umukobga wa Aburahamu, yaboshwe na Satani iyo myaka cumi n’umunani yose, ntakwiye kubohorwa iyo ngoyi ku musi w’isabato?


Arikw arahita, abona umuntu yavutse ar’ impumyi.


Hār’ umugore yinjiwemwo n’impwemu itera ubumuga, yar’ amaze imyaka cumi n’umunani ahetamye, adashobora kwunamuka na gatoya.


Ashitse i musozi, umuntu yavuye mu gisagara, yinjiwemwo n’abadayimoni, aramusanganira. Yar’ amaze imisi myinshi ata mpuzu acambara; nta nzu yabamwo, yaba mu masenga y’imva.


Ni mureke kwishimira abantu, abari n’impwemu gusa mu mazuru yabo: mbega bamaze iki?


Maz’ ashitse mu mwaka ugira mirongwitatu n’ icenda ari ku ngoma arwara ibirenge, kand’ iyo ndwara imumerera nabi cane; ariko na ho nyene no mu ndwara yiwe ntiyaja kubaza Uhoraho, atar’ ukuja ku bavūzi.


Kuk’ uwo muntu yar’ arengeje imyaka mirongwine avutse, uwakozwekw ico kimenyetso co kumukiza.


Hār’ umuntu yaremaye ibirenge uhereye kuva mu nda ya nyina, yama aterurwa, bakamushira kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza uko bukeye, kugira ngw asēge abinjira mu rusengero.


arikw icatumye abona ubu, ntitukizi, kandi n’uwamuhumūye, tweho ntitumuzi. Mumwibarize, n’umugabo, arivugira.


Ah’ imufatiye hose, imutūra hasi, akabimba ifuro, akazyegenya amenyo, akagenda ashira umunywera; mbarira abigishwa bawe ngo bayisende, irabananira.


Udutabare umurwanizi, Kuko gutabara kw’abantu ar’ ukw’ ubusa.


Ariko mwebge mur’ abarementanya ibinyoma; Mwese mur’ abavūzi b’imburakimazi.


kuko bose bashikanye ku bibasāgutse, ariko we ku bgoro bgiwe ashikanye ivyo yar’ afise vyose, n’ibimutunze vyose.


kuko yar’ afise umukobga w’ikinege, yar’ amaze imyaka nka cumi n’ibiri avutse, kandi yarikw arahwera. Arikw aragenda, ishengero riramubānda.


amuturuka inyuma, akora ku buyonga bg’impuzu yiwe, ako kanya umugende w’amaraso urakama.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite