Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 kuko yar’ afise umukobga w’ikinege, yar’ amaze imyaka nka cumi n’ibiri avutse, kandi yarikw arahwera. Arikw aragenda, ishengero riramubānda.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 kuko umukobwa wiwe yariko aracikana. Yari amufise wenyene kandi yari afise imyaka nka cumi n’ibiri. Yesu ari mu nzira agenda, yari akikijwe n’abantu isinzi bamugunda.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:42
15 Referans Kwoze  

Yesu arabaza, ati Ni nde ankozeko? Bose bahakanye, Petero n’abāri kumwe na we baramwishura, bat’ Erega Mwigisha, n’ishengero rigutaye hagati rikubānda.


Ashitse hafi y’irembo ry’igisagara, hasokoroka abajanye umuvyimba kuwuhamba, ariko yar’ ikinege, kandi nyina yar’ umupfakazi: abantu benshi bo mur’ ico gisagara bari kumwe na we.


None rero ko bimeze birtyo, nk’ukw icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha:


Aragenda, ajana na we. Ishengero ryinshi riramukurikira rimubanda.


Nawe, mwana w’umuntu, kur’ uwo musi, aho nzobakūrirakw icari kibabereye ububasha, ni co munezero w’icubahiro cabo, ico bāmizakw amaso, ico bashirakw imitima, ngikūrane n’abahungu babo n’abakobga babo,


riti Mwana w’umuntu, rāba, ngira nkwake ico wamizakw amaso, bije giturumbuka: ntuz’ uboroge canke ng’ urire, kand’ amosozi yawe ntācundugute.


None ni nde yomenya ico umuntu akwiye mu kubaho kwiwe, imisi yose y’ ukubaho kwiwe kw’ubusa, amara ari nk’igitūtu? None ni nde yobarira umuntu ibizoba inyuma yiwe musi y’izuba?


Hagati y’igihe c’igitondo n’ umugoroba baravunagurwa: Bapfa akagīrīre, ntihagire ūbishirak’ umutima.


Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.


Maze haza umuntu yitwa Yayiro, umukuru w’isinagogi: yitembagaza imbere y’ibirenge vya Yesu, aramwinginga ngw aze i muhira i we,


Umugore arwaye ubutinyanka, yar’ abimaranye imyaka cumi n’ibiri, yamariye utwiwe twose ku bavūzi adutangamw’ ingemu, ntihāgira ūshobora kumukiza,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite