Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Maze haza umuntu yitwa Yayiro, umukuru w’isinagogi: yitembagaza imbere y’ibirenge vya Yesu, aramwinginga ngw aze i muhira i we,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Umugabo yitwa Yayiro, yari umukuru w’isinagogi, araza yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu aramwinginga ngo bajane i muhira iwe,

Gade chapit la Kopi




Luka 8:41
15 Referans Kwoze  

Ariko Krisipo, umukuru w’isinagogi, yizerana Umwami Yesu n’abo mu nzu yiwe bose; n’Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa.


Isomwa ry’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana riheze, abakuru b’isinagogi batuma kuri bo, bati Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanūra abantu, ni murivuge.


Arik’ umukuru w’isinagogi yitonganiriza ivy’ uko Yesu akijije umuntu kw isabato, abgira abantu, ati Harih’ imisi itandatu, ikwiye gukorwakw ibikorwa; abe ari yo muzako mukizwe, ariko hatari ku musi w’isabato.


Akivuga, haza umuntu avuye kwa wa mukuru w’isinagogi, ati Wa mwana wawe aracikanye, ureke kugora umwigisha.


Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.


Abagiriki bose basūmira Sositene, umukuru w’isinagogi, bamukubitira imbere y’intebe y’imanza. Ariko Galiyo, ivyo vyose ntiyabibabara.


Kandi kukw i Luda hāri hafi y’i Yopa, abigishwa, bumvise ko Petero ari yo ari, bamutumakw abantu babiri, bamwinginga, bati Ntutebe kudushikīra.


yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushima: kand’ uwo yar’ Umusamariya.


Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha.


Marita abgira Yesu, ati Mugenzi, iy’ uba wari hano, musazanje ntaba yāhwereye.


kuko yar’ afise umukobga w’ikinege, yar’ amaze imyaka nka cumi n’ibiri avutse, kandi yarikw arahwera. Arikw aragenda, ishengero riramubānda.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite