Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Arababaza, ati Mbeg’ ukwizera kwanyu kuri hehe? Baratinya baratangara, barabazanya, bati Mbeg’ uyu n’umuntu ki, kw abarira n’umuyaga n’amazi bikamwumvira?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Yesu aca abaza ba bigishwa ati: “Ukwizera kwanyu kuri he?” Maze baratangara, bagira n’ubwoba bwinshi, batangura kubazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki? Ategeka umuyaga n’amazi kandi bikamwumvira!”

Gade chapit la Kopi




Luka 8:25
16 Referans Kwoze  

Arababaza, ati N’iki kibateye ubgoba, mwa bafise ukwizera guke mwe? Bun’ aravyuka azibiza ingunza n’ikiyaga, haba agahwekere rwose.


Ni nde yadūze mw ijuru, akamanuka? Ni nde yakoranirije umuyaga mu bipfunsi vyiwe? Ni nde yatēkeye amazi mu mwambaro wiwe? Ni nde yashimangiye impera zose z’isi? Izina ryiwe ni nde, cank’ izina ry’umwana wiwe, namba worimenya?


Buno Yesu aramvura ukuboko, aramucakira, aramubgira, ati Yewe w’ukwizera guke, n’iki cagukekeranishije?


Yesu aramubgira, ati Sinakubgiye nti Ni wizera urabona ubgiza bg’Imana?


Non’ Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih’ uyu musi, ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab’ ukwizera guke mwe?


Arabishura, ati N’ukwizera kwanyu guke. Ndababgire ukuri: Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobgira kino gisozi, mut’ Imuka aha, uje harya, kandi cokwimuka. Kandi nta kitazobashobokera. [


Igihe yashingira ikiyaga akarimbi, Kugira ngw amazi ntarenge icagezwe cayo; Igihe yashirah’ amatanguriro y’isi:


Non’ Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih’ uyu musi, ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab’ ukwizera guke mwe?


Yesu avyumvise, biramutangaza, abgira abamukurikiye, ati Ndababgire ukuri: Sinaribgabone ukwizera kungana gurtyo no mu Bisirayeli.


Kur’ uwo musi bugorovye, arababgira, ati Tujabuke tuje hakurya.


Baraza, baramukangura, bati Mwigisha, Mwigisha, turapfuye! Ari angura, azibiza ingunza n’ugusūriranya kw’amazi: birahora, haba agahwekere.


Bafata hakurya mu gihugu c’Abageraseni, kirābana n’i Galilaya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite