Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Bariko baragenda, arasinzira; hamanuka inkūbi y’umuyaga mu kiyaga, ubgato bgariko buruzura amazi, bari mw irinde.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Bakiriko barasoza, Yesu arasinzira. Haca haduka umuyaga mwinshi mu kiyaga, maze ubwato butangura kwuzura amazi; bari bageramiwe cane.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:23
13 Referans Kwoze  

Ku musi umwe mur’ iyo atambukira mu bgato, bo n’abigishwa biwe, arababgira, ati Tujabuke, tuje hakurya y’ikiyaga. Baterera ubgato, bava ku nkombe.


Ewe uhahazwa, ukazungagizwa n’inkūbi y’umuyaga, ntugire ikikuremesha, ehe nzokwubakisha amabuye yitwa simaragido, amatanguriro yawe nzoyubakisha ayitwa safiro.


Namwe muriro n’urubura na shelegi n’igipfungu; Nawe muyaga w’igihuhuta, ushitsa ijambo ryiwe;


Ibambure Mwami, n’iki kigusinzirije? Vyukuruka, ntudushiburire kure ibihe bidashira.


Kuk’ umuherezi mukuru dufise, atar’ ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze.


Nukw ishengero ririko riramubanda ryumva ijambo ry’Imana, yar’ ahagaze ku musenyi w’ikiyaga c’i Genesareti.


Dutambukira mu bgato bgāvuye muri Aduramutiyo, bugira bugende bujabukiranya ahantu ho muri Asiya haherereye ku kiyaga, tuvudukayo turi kumwe na Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike.


Natwe n’iki gituma twama turi mw irinde?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite