Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Na we arabishura, ati Mama na bene mama n’aba bumva ijambo ry’Imana bakarikora.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Yesu amwishura ati: “Mama na bene mama ni abo bumva ijambo ry’Imana bakaryumvira.”

Gade chapit la Kopi




Luka 8:21
19 Referans Kwoze  

Kandi mube abakora ivy’ iryo jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha.


Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.


Mukundwa, ntukīgāne ikibi, ariko wīgāne iciza. Ūkora ivyiza ni we w’Imana; ūkora ibibi ntiyabonye Imana.


Ko muzi yuk’ uwo ar’ umugororotsi, murazi yuk’ ūkora ivy’ ukugororoka wese yavyawe na we.


Kandi nzobabera So, Namwe muzombera abahungu n’abakobga, Ni k’Uhoraho ashobora vyose agize.


Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.


Ni co gituma uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’ umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo.


Yesu aramubgira, ati Ntunkoreko, kuko ntaradūga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabarire, ut’ Agira adūge kwa Se ari we So, uti Ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.


Umwami na we azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’ aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.


Akivuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitūtu; kand’ ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.


Maze Yesu arababgira, ati Ntimutinye: ni mugende mubgire bene Data ngo baje i Galilaya, ni ho tuzobonanira.


Maz’ azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mutabigiriye umwe mur’ aba bari hanyuma y’abandi, nanje ntimwabingiriye.


Baramubgira, bat’ Umuvyeyi wawe na barumuna bawe bahagaze hanze bagomba kubonana nawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite