Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Mwiyubare uburyo mwumva: kuk’ ūfise azohabga, kand’ ūdafise azokwakwa n’ico yiyumvira kw afise.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Nuko rero mwiyubare ku vyo mwumva. Uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike na we azokwakwa n’ivyo yibaza ko afise.”

Gade chapit la Kopi




Luka 8:18
25 Referans Kwoze  

Kuk’ ūfise azohabga, bikamucagatira; arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ asanzwe afise.


Ndababgire, Ūfise wese azohabga, arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ afise.


Kuk’ ūfise wese azohabga, asesekarizwe: arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ afise.


Ishami ryose ryo muri jewe ritāma, arikūraho; kand’ iryama ryose araritūtūrira, ngo rirushirize kwama.


Ni co gituma dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twumvise, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabivako.


Ni hagira umuntu yiyumvira kw ar’ ūvugishwa n’Imana, canke kw ar’ uw’ impwemu, amenye ivyo mbandikiye yukw ar’ icagezwe c’Umwami wacu.


Ni hagira umuntu yiyumvira yuko har’ ic’ azi, azoba ataramenya nk’ukw akwiye kumenya.


Ntihakagire umuntu yihenda; umuntu wo muri mwebge ni yiyumvira kw ar’ umunyabgenge ku vy’iki gihe, abe igipfu, kugira ngw abone kuba umunyabgenge.


Ndabgira umuntu wese muri mwebge, mbgirijwe n’ubuntu nahawe, yoye kwifata ukw atari, yamara yiyumvire yitonze nk’ukw Imana yagereye umuntu wese ukwizera.


Arikw abo bo bār’ imico myiza kuruta ab’i Tesalonike, kuko bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ ukuri.


Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse k’uje. None rero twese turi hano imbere y’Imana, kwumva ivy’ Umwami Imana yakugeze kutubgira vyose.


ati Mushire aya majambo mu matwi yanyu: Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu.


naho jewe nokwishimiye ivy’ umubiri. Hogira uwundi wese yokwiyumvira kwishimira ivy’ umubiri, nomurusha.


Ariko, aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (ūsoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire,


Harih’ inzira umuntu yibgira kw ari nziza, Arikw amaherezo yayo n’ inzira ishikana mu rupfu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite