Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ariko hari n’abandi bameze nk’ivu ryiza. Abo ni abakirana ijambo ry’Imana umutima mwiza utagira uburyarya, kandi bakarigumya; maze kubera ukwihangana, bakama ivyamwa vyinshi.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:15
40 Referans Kwoze  

Kuko mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivy’ Imana igomba mubone guhabga ivyasezeranywe.


Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, n’umunyangeso mbi akūra ibibi mw itunga ribi: ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kiwe kavuga.


Iki ni co kitumenyesha ko tumuzi, ni twitondera ivyagezwe na we.


kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Umwami wacu, mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose, mugwizwa no kumenya Imana,


bgābashitseko, nk’uko buri mw isi yose bgama imbuto bugwira: kandi no muri mwebge bugenza burtyo, uhereye wa musi mwumviye mukamenya ubuntu bg’Imana vy’ukuri:


Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje,


Na we aramwishura, ati Cane‐cane hahirwa abumva ijambo ry’Imana bakaribungabunga.


mwuzuye imbuto zo kugororoka ziheshwa na Yesu Kristo, ngo muheshe Imana icubahiro n’ishimwe.


None rero namwe, bene Data, gukoranywa n’umubiri wa Kristo kwatumye mucika abapfuye ku vyagezwe, kugira ngo mwābīrwe n’uwundi, ni we yazutse mu bapfuye, twamire Imana imbuto.


Ariko noneho, ko mwacunguwe ngo ntimuganzwe n’icaha, mukajakarira Imana, mufise imbuto zanyu zizana ukwezwa, kand’ amaherezo n’ubugingo budashira.


Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.


Arik’ uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira.


Kand’ Uhoraho Imana yanyu azokūrah’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, n’ukwo mu mitima y’uruvyaro rwanyu, kugira ngo mumukundishe imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, mubone kubaho.


Ni co gituma dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twumvise, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabivako.


Ubuntu ni bgo bgabakijije kubg’ ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, n’ingabire y’Imana;


Gukebga nta co kumaze, no kudakebga nta co kumaze, arikw ikigira ico kimaze n’ukwitondera ivyagezwe n’Imana.


Ndazi yuko muri jewe, mu kameremere kanje, ata ciza kimbamwo: kuko kugomba gukora iciza kubana nanje, ariko kugikora nta kwo.


Abarondera ubgiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira.


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


Arik’ ukwihangana gukwiye guhīngūra igikorwa cakwo, ngo mubone gutungana rwose muhīngūwe, mudahajije na kamwe.


n’Abakaludaya bateye iki gisagara, bazogishikamwo bagiturire bagitongore, bo n’amazu būriyeko hejuru ngo bosereze imibavu Bayali, bagasukira ibiturire izindi mana, kugira ngo bantere ishavu.


Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; kand’ amajambo yawe yambereye akanyamuneza n’ibihimbaro vy’umutima wanje: kuko nitiriwe izina ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo.


Mwana wanje, ntuze wibagire ukwigisha kwanje, Arik’ umutima wawe witondere amabgirizwa yanje:


Nabītse ijambo ryawe mu mutima wanje Ngo noye kugucumurako.


Mana, undememw’ umutima utunganye: Unsubizemw’ umutima uhamye.


Izaguye mu mahwa n’abaryumvise, maze bariko barīgīra umwitwaririko wo mur’ ubu bugingo, bo n’ubutunzi n’ibihimbaro vyo muri bgo, bikabanyoha, ntibame imbuto nziza.


Kandi nta wodomeka itara, ngw aryubikekw ikintu, canke ngw arishire mu rutara, arikw arishira ku gitereko caryo, ngw abinjira basange habona.


Yamara ko twiteze ico tutarabona, nuko tukirorēra twihangana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite