Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Izaguye mu mahwa n’abaryumvise, maze bariko barīgīra umwitwaririko wo mur’ ubu bugingo, bo n’ubutunzi n’ibihimbaro vyo muri bgo, bikabanyoha, ntibame imbuto nziza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Hari n’abameze nk’isi yamezeko amahwa. Abo na bo bagiheza kwumva ijambo ry’Imana, imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, ubutunzi n’ibihimbaro vy’iyi si biraza bikanyoha icatewe muri bo, hanyuma bikababuza gukura mu vy’impwemu.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:14
17 Referans Kwoze  

Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;


maz’ umwitwaririko w’ivy’ isi n’uruhendo rw’ubutunzi no kwifuza ibindi, iyo bibinjiyemwo, binyoha iryo jambo, rikaba ikirumbirane.


Uwabibge mu mahwa ni we yumva iryo jambo, arik’ umwitwaririko w’ivy’ isi n’uruhendo rw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, akaba ikirumbirane.


Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego:


Izindi zigwa mu mahwa hagati, amahwa amerana na zo, arazinyoha.


Dema yarantaye, kukw akunze iyi si ya none, yīgīra i Tesalonike: Keresikenti yagiye i Galatiya: Tito yagiye i Dalumatiya.


Umuntu n’ataguma muri jewe atabga nk’ukw’ ishami ritererwa inyuma y’uruzabibu, akuma; maze bakayatororokanya, bakayaterera mu muriro, agasha.


Nta muntu asaba abami babiri; yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


Abo ku rutare n’aba: iyo bumvise iryo jambo, baryākīrana umunezero, ariko ntibagira imizi, bizera akanya gato, maze mu gihe c’igeragezwa bakarireka.


Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.


Nuko rero turēngāne ivya mbere vya Kristo, twīgire imbere, dushike ku vyo gutunganywa rwose, twoye gusubira gushirah’ itanguriro ryo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, no kwizera Imana,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite