Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Abo i ruhande y’inzira n’abaryumvise, maz’ Umurwanizi yaza, agakūra iryo jambo mu mitima yabo, kugira ngo ntibizere ngo bakizwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Abantu bamwe bameze nk’isi y’i ruhande y’inzira. Iyo abo bantu bumvise ijambo ry’Imana, Satani araza akarikura mu mitima yabo kugira ngo ntibizere ngo bakizwe.

Gade chapit la Kopi




Luka 8:12
13 Referans Kwoze  

Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Ab’i ruhande y’inzira, ah’ iryo jambo ribibga, iyo bahejeje kwumva, Satani aca aza uwo mwanya, akabakūramw’ iryo jambo ryabibge muri bo.


Uwumva wese ijambo ry’ubgami ntarimenye, wa Mubi araza, agasahura ikibibge mu mutima wiwe. Uwo ni we yabibge i ruhande y’inzira.


Wironkere ubgenge, wironkere uburyo bgo gutahura; Ntukibagire, kandi ntugatere ibitugu amajambo y’akanwa kanje:


Nuko kuko bagiriye urwanko ubgenge, Ntibahitemwo kwubaha Uhoraho;


at’ Umubivyi yasohoye imbuto ziwe; akibiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, barazikandagira, inyoni zo mu kirēre zirazinobagura.


Ariko mwebge abantaye jewe Uhoraho, mukibagira umusozi wanje wera, mugatereka Gadi, mugaturiraniriza Meni;


Akibiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, inyoni ziraza, zirazinobagura.


Umugani n’uyu. Imbuto n’ijambo ry’Imana.


Abo ku rutare n’aba: iyo bumvise iryo jambo, baryākīrana umunezero, ariko ntibagira imizi, bizera akanya gato, maze mu gihe c’igeragezwa bakarireka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite