11 Umugani n’uyu. Imbuto n’ijambo ry’Imana.
11 Iyi ni yo nsiguro y’uwu mugani: imbuto ni ijambo ry’Imana.
Uwumva wese ijambo ry’ubgami ntarimenye, wa Mubi araza, agasahura ikibibge mu mutima wiwe. Uwo ni we yabibge i ruhande y’inzira.
Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n’ububi busigaye, mwākīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebge, rishobora gukiza ubugingo bganyu.
Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batāvuga ibihwanye na vyo bazoba mu bgirantibuce.
Nuko mweho ni mutahure umugani w’umubivyi.
Kand’ arababaza, ati Ntimuzi uwo mugani? Non’ imigani yose muzoyitahura mute?
Abo i ruhande y’inzira n’abaryumvise, maz’ Umurwanizi yaza, agakūra iryo jambo mu mitima yabo, kugira ngo ntibizere ngo bakizwe.