Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 8:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hashize igihe gitoya, agendagenda mu bisagara no mu mihana, ababgira ijambo ry’Imana, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bgayo; bamwe cumi na babiri bajana na we,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu bisagara no mu mihana, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami bw’Imana. Bamwe cumi na babiri bari kumwe na we,

Gade chapit la Kopi




Luka 8:1
18 Referans Kwoze  

Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu.


Kandi bazosigura ivyiwe bate, batātumwe? Nk’uko handitswe, ngw Ewe kuntu ibirenge vy’abazanye ubutumwa bg’ivyiza ari vyiza!


Natwe turababgira ubutumwa bgiza bg’ivyasezeraniwe ba sogokuruza,


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N’impumyi ko zihumūka, No kubohora abanywagutse imitima,


Yinjira mu masinagogi yabo i Galilaya hose, avuga ijambo ry’Imana, asenda abadayimoni.


Uwumva wese ijambo ry’ubgami ntarimenye, wa Mubi araza, agasahura ikibibge mu mutima wiwe. Uwo ni we yabibge i ruhande y’inzira.


Yesu arangije gutuma abigishwa biwe cumi na babiri, avayo, aja kwigisha abantu no kuvuga ivy’ Imana mu bisagara vyabo.


Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose, yigisha mu masinagogi yabo, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara zose n’ubumuga bgose.


Nya mwana arakura, agwiza inkomezi z’umutima, aba mu bugaragwa kugeza umusi yerekewekw Abisirayeli.


Baragenda, bagendagenda mu mihana, bavuga ubutumwa bgiza, bakiriza abarwaye hose.


Umusi ur’ izina, yigishiriza abantu mu rusengero, avuga ubutumwa bgiza, abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bazanana kuri we n’abashingantahe:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite